I. Abantu batatu bapfuye mu bucagucagu bwo kuri uyu wa kane nk’igihe c’isaha icenda baguweko n’umusozi. Abo bapfuye n’abantu bariko barimba inzahabu mu mpisho mu binombe vy’ahitwa mu Mikoni muri komine Bukinanyana y’intara ya Cibitoke. Abajejwe intwaro barikumwe n’igipolisi bakaba bagerageje gukura mu binogo ibiziga vy’abo bantu kugira bahambanwe iteka.
II. Mu ntara ya Karusi naho, abantu babiri baraye bitavye Imana; inzu imwe irasambuka n’imirima irononeka mu mvura nyinshi irimwo urubura n’umuyaga, yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu ku mitumba ya Buhiga na Rwingoma biri muri komine Buhiga, intara ya Karusi. Iyo nzu yaguye ikaba yahitanye umukenyezi umwe wo ku musozi Buhiga; uwundi yitavye Imana akaba yari umukenyezi yatwawe n’amazi y’imvura yamusanze mu murima w’umuceri ni ku musozi Rwingoma.
III. Mu ntara ya Kayanza, umwana w’umukobwa w’imyaka 17 yahora yiga kw’ishure shingiro rya Kirema mu gisagara ca Kayanza, yaritavye Imana inyuma y’isanganya ry’imodoka ryabaye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu. Nk’uko inkuru zitangwa n’abari mu micungararo y’aho iryo sanganya ryabereye abivuga, ngo hari mu gihe hariko hagwa akavura gake, abanyeshure bariko barataha bava kw’ishure. Ngo ni ho haza imodoka yo mu bwoko bwa Hiace, yava i Ngozi iri hafi y’ukwinjira mu gisagara ca Kayanza. Mu gihe yari igiye gukata yaciye inyerera, irata ibarabara. Muri ico gihe yaragonze abanyeshure 4, uyo mwigeme aca aritaba Imana, abandi 3 barakomereka cane.
IV. Inyuma y’amakuru ku bijanye n’iyinjira ry’abasirikare n’imbonekure mu gihugu ca Congo, umushingamateka wa Republika iharanira demokarasi ya Congo yandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres, amwereka ingaruka ziriko zirasinzikaza ubuzima bw’abanyagihugu bo mu burere buriko buraberamwo intambara. Umushingamateka Misare Mugomberwa Claude amusaba ko yofata mu minwe ico kibazo. Izo ngwano n’ubu zikaba zikibandanya, mu misozi ihanamiye Uvira mu minembwe aho inganda n’ubu zigitikira ku mpande z’abariko baragwana, nkuko bivugwa n’abanyagihugu bahegereye hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu.
V. Abantu 6 bagirizwa uruhara mu bwicanyi bw‘umwana w’umunyamwema muri komine ya Kigamba mu ntara ya Cankuzo bararengutse muri Sentare nkuru y’intara kuri uyu wa gatatu. Bikaba bitegekanijwe ko sentare izosubira kubumviriza kuri uyu wa gatanu. Tubibutse ko umwana w’umuhungu w’umunyamwema yakuwe i muhira muri zone ya Kinama ku musi w’Imana uheze anyurujwe, abamunyuruje baja kumwicira mw’ishamba cimeza rya Ruvubu mu ntara ya Cankuzo ku musi w’Imana uheze.
VI. Uruhigi n’ubwicanyi bigirirwa abanyagihugu b’abanyamwema mu Burundi ngo bifitaniye isano n’ubwenge buke bujana n’ukwemera ibintazi, n’ubukene muri rusangi buba buri mu banyagihugu no mu gihugu. N’insiguro itangwa na Paul Nkunzimana, yize ibijanye n’imibano. Kugira ayo mabi ahagarare, uwo mwigisha wo muri kaminuza asaba leta gushiraho inyigisho mu banyagihugu ku bijanye na ba nyamwema hamwe no guhana muri rusangi amabi mu gihugu na cane cane ayajanye n’abakurikira ibintazi.
VII. Amabi agirirwa abakenyenzi n’abigeme mu Burundi yananiranye cane cane mu gisata c’indero. Bivugwa n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ubivuze inyuma yaho umunyeshure wo kw’ishure nshingiro Rukinga ya kane muri komine Rumonge, yashurashujwe agaterwa n’inda na Jackson Niyomwungere yararongoye iryo shure. Umuhari Inamahoro uriyamiriza ingene ata nguvu abarongoye igihugu bashira mu guhana ababa bakoze bene ayo mabi. Ubasaba kwikangura bagatuza ako kabi kugira bakingire urwo rwaruka. Marie Louise Baricako arongoye umuhari Inamahoro.
VIII. Umuhari Inamahoro urasaba n’abandi barundi b’igitsina gabo guterera mu rugamba rwo gutuza amabi agirirwa abakenyezi n’abigeme. Marie Louise Baricako.
IX. Birababaje kubona umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariko ahamagarira abarundi bari mu buhungiro gutahuka, ubwo nyene inzego z’umutekano n’imbonerakure bagaca babafata bakababoreza igufa. Bishikirizwa n’ishirahamwe rukristu ryishinze kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT Burundi. Ni mu gihe uwahora mu gisirikare c’Uburundi Isaac Bamporubusa ariko asinzikarizwa ubuzima aho afungiwe muri bataillon Police Militaire I Bujumbura, inyuma yaho atahutse avuye iyo yari yarahungiye, mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT Burundi asaba umushikirizamanza kizigenza wa Republika gufata iyo dosiye mu minwe, abariko bahohotera uwo munyagihugu bashengezwe imbere y’ubutungane.
X. Abakozi bo ku bitaro Clinique Prince Louis Rwagasore baragabisha ko bashobora guhagarika akazi mu ntango z’uku kwezi kwa kabiri. Bagiriza umuyobozi w’ivyo bitaro gukora nabi no guha uburusho abaganga babahinga ku ndwara, abo bita aba spécialistes mu gifaransa. Basaba ko botunganirizwa bose kuko ngo ata mwana n’ikinono.
XI. Leta y’Uburundi yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira ifashe urwaruka rutere imbere. Vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu nama yo kuri uyu musi wa kane yagiranye n’urwaruka rwikorera utwabo mu Burundi. Umukuru w’igihugu avuga ko ubukene bw’igihugu buhera ku bukene bw’umunyagihugu. Agahimiriza n’abakozi ba leta kurondera uburyo bagakora imigambi yabo, batarindiriye gusa imishahara.