Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/02/2022

Publié le 8 février 2022 par Rédaction
I. Uburundi ngo bufatwa nk’igihugu c’akarorero muri Afrika mu kugarukana umutekano no gutsimbataza demokarasi. Ukwo niko umukuru w’igihugu yabishikirije kuri uno wa mbere, agarutse avuye mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika. Ivyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye biranegurwa ariko n’abaharanira agateka ka muntu, mu runani FORSC, bavuga ko Uburundi butoba akarorero mu gihe bufise impunzi zigera ku bihumbi amajana atatu mu bihugu bibanyi.
II. Amwe mu majambo yaraye ashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuye mu nama y’Ubumwe bwa Afrika aratangaje akabamwo n’ububeshi. Bivugwa n’abanyagihugu bavugiye kuri micro ya Radiyo Inzamba. Baribaza ingene yubahuka kuvuga ko basanze Uburundi ari igihugu gitekanye cofatirwako akarorero mu gihe cugarijwe n’ingorane zitandukanye nk’igiturire, ubukene n’ubwicanyi. Barerekana ko ivyo atari ibinyegezwa ku wishikiye aho bibera.
III. Agateka ka zina muntu mu Burundi kabadanije gusinzikara kuva Evaritse Ndayishimiye ashitse ku butegetsi gushika muri kino gihe. Ivyo tubisanga mu cegeranyo cashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri n’ishirahamwe mpuzamakungu rihanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch. Muri ico cegeranyo HRW yerekana neza ko Evariste Ndayishimiye yabandanije ingendo ya Petero Nkurunziza yo guhonyanga agateka ka kiremwa muntu mu kwica no kunyuruza uwo wese yikekwa ko atavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD.
IV. Domitien Ndayizeye yahoze atwara Uburundi, yaragenywe n’inama ya 35 y’abakuru b’ibihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa Afrika yo ku wa 5 na 6 Ruhuhuma kuja mu nama y’inararibonye z’iryo shirahamwe. Ndayizeye amenyesha ko bafise akazi gakomeye ko guhanura ahari ibibazo kugira borohereze akazi abakuru b’ibihugu. Ashimira Uburundi bwo bwatanze izina ryiwe kugira aje muri uwo mugwi.
V. Igipolisi mu ntara ya Kayanza caraye gifashe mw’ijoro ryakeye ryo kuri uwu wa kabiri, umugabo yitwa Prosper Nezerwe w’imyaka 24. Uwo na we, akagirizwa icaha co kuba ku mutaga wo ku musi w’Imana uheze, yaragandaguye yongera arahamba umusore yari azwi kw’izina rya Rénovat Ndikuriyo w’imyaka 23, yari amwunguruje kw’ipikipiki. Akaba yari amushikanye muhira iwe ku musozi Kivuruga wo muri komine Gatara mu ntara ya Kayanza nyene, mu gihe yari amukuye mu gisagara ca Kayanza. Ico gihe akaba yari yaciye atungwa n’ayo yameze. Uwo yagirizwa ubwo bwicanyi akaba yaraye afatiwe ku musozi Rwegura wo muri komine Muruta n’intara ya Kayanza nyene. Mu gipolisi bakamenyesha ko ariko arakorerwa dossier, agashobora umwanya uwari wo wose kurengukishwa mu ntahe y’imanza z’ikibiriraho.
VI. Imyidogo ni myinshi mu basirikare b’Uburundi bari canke abaherutse kugomborwa bava mu gihugu ca Somaliya bose hamwe baheraniwe amezi cumi na kumwe (11). Bavuga ko batewe amakenga no kubona ababarongoye mu gisirikare ata kintu na kimwe bavuga coba caratumye agahembo kabo gateba. Basaba ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kubishuriza amafranga babiriye akuya.
VII. Ibikorwa vyo gukora igice c’ibarabara ry’igihugu rigira gatatu Bujumbura-Rumonge (RN3) bisa n’ivyahagaze biturutse ku kunyinyurana hagati y’ishirahamwe SOGEA Satom ririko rirakora iryo barabara na leta, ku bijanye n’imizibukiro itegerezwa gutangwa. Nk’ukwo amakuru ava aho mu Rumonge avyemeza, ibiteye impungenge abanyagihugu babona ko bashobora kunyagwa amatongo bagataha zirayoye.
VIII. Kuri ico kibazo, umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya leta aremeza ko ibikorwa vyo gusanura iryo barabara ry’igihugu numero 3 vyahagaze. Mu rugendo yagize kuri iryo barabara, umushikiranganji Déogratias Nsanganirumwami arahumuriza abarikoresha ko mu kiringo c’ukwezi kumwe inyishu ku kibazo c’imizibukiro kizoba cavuye mu nzira, kugira ivyo bikorwa bibandanye.
IX. N’aho ibiciro vy’igitoro vyadugijwe mu ntara zose z’igihugu, ubukene bw’igitoro burabandanya kwibonekeza mu ntara ya Makamba. Ivyo bigatuma amatike yo kwiyungurunza aduzwa ku giciro c’umurengera. Nk’uko amakuru dukura muri iyo ntara abivuga, iryo kena ry’igitoro rituma amashirahamwe yunguruza abantu ahomba cane ngo kuko abandanya ahemba abakozi batariko barakora.
X. Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bumenyeshako kuva igenekerezo rya 15 Ruhuhuma uyu mwaka, buzotangura gutangisha ihadabu abantu bose bataratanga amakori n’amatagisi. Jimmy Hatungimana arongoye igisagara ca Bujumbura yavuze ko kandi umuntu wese azorondera ivyangombwa azobanza kwerekana kw’ikori ry’ubutaka ry’aho umuntu abaye hamwe n’ikaye y’umurango. Ingingo ikaba yafashwe inyuma y’inama yagiranye n’abajejwe intwaro kuri uno wa kabiri.

Ibindi bisa n'ibi