Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/02/2022

Publié le 9 février 2022 par Rédaction
I. Mu ndwi iheze, abasirikare b’Uburundi bari hagati ya 20 na 30, barishwe na bagenzi babo kw’itegeko rya Lieutenant-colonel Ildephonse Baranyikwa, arongoye bataillon police militaire, afadikanije na Colonel Jéchonias Nihorimbere arongoye brigade 110. Abo basirikare bazize kwanka kuja mu gihugu ca republlika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu ntara ya Kivu y’ubumanuko.
II. N’ingingo yamenyekanye kuri uno wa kabiri biciye mw’itangazo y’inama y’ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya. Ivyo bihugu vyaraye bifuse ingingo yari imaze imyaka 6 yatumye hahagarikwa imfashanyo igenewe leta y’Uburundi izanana muri ivyo bihugu bigize umuryango wa Buraya. Iyo ngingo yakiriwe neza ku ruhande rwa leta y’Uburundi.
III. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu avuga ko naho ivyo bihano vyakuwe ku Burundi atacahindutse kuva mu mwaka wa 2016 aho vyafatwa. Ku bwiwe n’aho umukuru w’igihugu aguma yitera amashurwe, uravye ivyegeranyo bisohoka ku Burundi biragaragara ko agateka ka zina muntu kabandanya gahungabana.
IV. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize asigura ko amakungu atari yo azoza gutorera umuti ingorane zihanze abarundi. Ku bwiwe kubona ubumwe bwa buraya bukuraho ibihano mu vy’ubutunzi bwari bwafatiye Uburundi, ngo ntagitangaje kuko ivyo bihugu bifise inyungu bigenderako. Uyo aharanira agateka ka zina muntu ahamagarira abarundi kwibako, kuko ata kintu kinini kirahinduka na rirya agateka ka kiremwa muntu kabandanya gutotezwa mu Burundi atacamira.
V. Hari imbonerakure yo mu muhari w’urwaruka rwa CNDD-FDD yo muri komine Matana intara ya Bururi, ipfungiwe mu gasho k’igipolisi aho muri iyo komine. Amakuru ava aho i Matana avuga ko iyo mbonerakure ipfunzwe yagirizwa ubusuma ikora ikoresheje uruyeri rwo kwiyita ko ikorana n’iperereza canke yarungitswe n’abarongoye umugambwe muri komine Matana. Abanyagihugu bo muri iyo komine bakaba biruhutsa, bagasaba ko yohanwa hisunzwe amategeko.
VI. Imyidogo ni myinshi mu bagendesha amamodokari n’ingenzi. Bidogera igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara ko kidatunganya neza igikorwa gishinzwe kuko kuri uyu wa kabiri kuva igihe c’isaha zine zo mu gatondo ata modokari yahita mw’ibarabara rya Bujumbura-Bugarama, kubera imodokari zibiri zahagonganiye. Ivyo bikaba vyabereye ku rubibe rw’intara za Bujumbura na Muramvya. Umusi wose waheze ata mupolisi ahashitse.
VII. Hari ukutumvikana hagati y’abunguruza abantu mu miduga n’abiyunguruza bafata ibarabara rya Bujumbura-Rumonge. Intandaro ya vyose akaba ari abunguruza abantu badugije amafranga y’itike kubera bavugako igitoro cakenye. Abiyunguruza nabo bakavugako ivyo biciro vy’itike yo kwiyunguruza bishasha bidakurikije mategeko.

Ibindi bisa n'ibi