I. Ibiziga vy’abantu bitatu vyaratowe muri komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke kuri uwu wa gatanu. Abanyagihugu babibonye bavuga ko abo bantu bari baboshwe. Abajejwe intwaro bakaba bihutiye gutanga itegeko ryo kubahamba, ariko abanyagihugu bagasaba ko hoba amatohoza ku biziga bimaze imisi myishi bitorwa aho muri iyo komine ya Buganda.
II. Umwe mu mbonerakure zikorera imyimenyerezo ya gisirikare ahitwa Kibati muri komine Kabarore, mu ntara ya Kayanza, ariko avurirwa kw’ivuriro ryo mu Rugazi, inyuma yaho akubitiwe na bagenziwe mu myimenyerezo ya gisirikare. Yakubiswe yagirizwa kuba icitso mu mbonerakure zikorera imyimenyerezo aho ku mutumba Kibati. Gushika mu gatondo k’uno wa gatandatu, akaba atari bwatore ubwenge kuva akubiswe izo nkoni.
III. Hari umupfakazi wo muri komine n’intara ya Kirundo azwi kw’izina rya Rwasa Séraphine, ariko aterwa ubwoba n’umupangayi wiwe Jean Pierre Sibomana, umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi kuri kaminuza y’ibiyaga vy’uburaruko muri iyo ntara. Uwo mupfakazi abwira uyo mupangayi kumuvira mu nzu bitarenze ukwezi, uyo nawe akemeza ko inzu yayimuguriye ; ngo abandanije ayimusohoramwo azomwica.
IV. Abanyagihugu biganjemwo imbonerakure bari kumwe na Rémy Cishahayo, buramatari w’intara ya Kayanza, bazindutse kuri uwu wa gatandatu bagirira isuku inyubakwa yahoze yakira ingenzi yitwa Kumurinzi. Iyo nayo ikaba iri muri karitiye Kirema, mu gisagara ca Kayanza. Ikaba yari iy’umuhisi Général Cyrille Ndayirukiye. Muri ivyo bikorwa, batemye ibiti vy’amashurwe baca n’ivyatsi vyari biri imbere n’inyuma ku rugo. Rémy Cishahayo akavuga ko iyo nyubakwa yashizwe mu minwe ya leta kubera Cyrille Ndayirukiye yari mu bashatse gutembagaza inzego mu mwaka wa 2015. Akamenyesha ko barindiriye ico inzego zibijejwe zizoshikiriza ku migambi y’iterambere izorangurirwa aho hantu. Mukamenya ko iyo nyubakwa yari yugawe, ibanje gucirirwa amatara n’amazi, mu mwaka wa 2016.
V. Imyidogo ni myishi mu bigisha baraye bakoze ikibazo ca leta kuri uyu wa gatanu bise ico kubasuzuma ubumenyi bafise. Imvo ngo n’ukwo abo bigisha bahawe ibibazo bidahuye n’ivyo basanzwe bigisha. Abo bigisha bakaba banegura ico kibazo catanzwe. Ku bwabo, bakabona ko ata ntumbero gifise uretse kumaramaza abigisha.
VI. Radio-Télévision Buntu isamiranira ku musozi wa Buye wo muri komine Mwumba, yasubiye gukora ku mutaga wo kuri uwu wa gatandatu. Ni inyuma y’aho mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu yari yahagaritse kuvuga kubera umucanwa wari wadutse mu nyubakwa isanzwe ikoreramwo.
VII. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, tugaruka ku kungene umugwi nserukiragihugu w’abakenyezi w’Uburundi mu mupira w’amaguru, waronse itike yo kuja mw’ihiganwa rya Afrika.
VIII. Umumenyeshamakuru Edmond Toyi yaraye yitavye Imana. Yari asanzwe ari umuntu azwi kandi akundwa na benshi, biciye mu kiganiro cavuga amakuru y’ibinyamakuru kuri radiyo Bonesha FM.
IX. Abakoranye n’uyo muhisi bavuga ko yari umushingantahe w’intungane. Umwe muri abo, Alice Akimana, amenyesha ko abasigiye iragi rikomeye.