I. Abantu babiri baraye bakomerekejwe n’amasase yarashwe n’umupolisi. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere muri komine Gasorwe intara ya Muyinga, nk’ukwo ababibonye babivuga. Ni mu gihe hari abariko bararwana, bivamwo kurasa. Muri iyo komine nyene, hari umuntu yaraye apfuye muri iryo joro nyene, amakuru ava mu bajejwe intwaro akemeza ko yiyahuye.
II. Sheikh Sadiki Kajandi, umwe muba commissaire batatu batowe kuri uyu wa mbere n’inama nshingamateka ngo baje mu mugwi CVR, yagirizwa kuba ari mu bagandaguye abatutsi muri komine ya Mutaho mu mwaka wa 1993. Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso, yemeza ko Sadiki Kajandi avugwa mu bateguye bakongera bagashira mu ngiro ubwicanyi bwakorewe abatutsi, nk’ukqo izina ryiwe riboneka ku rupapuro rwa 573, inomero 15 mu gitabo Burundi, Génocide d’octobre 1993. Umunyamabanga wa AC-Génocide Cirimoso, igisata ca Canada, Emmanuel Nkurunziza avuga ko atari we wenyene yagirizwa ubwicanyi muri uwo mugwi ujejwe gushira ahabona ubwicanyi bwabaye mu Burundi.
III. Ibihano vy’umunyororo uri hagati y’imyaka ibiri n’igice n’imyaka itanu, n’ukuriha ihadabu riri hagati y’amafranga ibihumbi ijana n’umuriyoni w’amarundi, ni vyo sentare y’igihugu ya Kayanza yahanishije ku muhingamo w’ejo ku musi wa mbere abagabo cumi n’umwe bagiriwe n’icaha c’uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu. Hakaba ari inyuma y’aho mu misi iheze bafatanwe ikawa yumye, ibiteye kubiri n’amategeko.
IV. Abanyeshure bo mu mwaka w’icenda barenga ibihumbi 70 ni bo bakoze ikibazo ca leta kuri uyu wa kabiri, ikibazo kibaha uburenganzira bwo kubandanya amashure y’inyuma y’ishure shingiro. Ico kibazo catanguye ku masaha ategekanijwe mu gihugu cose. Ariko mu bushikiranganji bw’indero bavuga ko hari utunenge duto duto twibonekeje, harimwo n’abanyeshure basivye gukora ico kibazo.
V. Ingingo yafashwe n’ubushikirangaji bujejwe ubudandaji iha uburenganzira abantu kuronswa igitoro mu ngunguru ku ma stations atandukanye, vyatumye habamwo kwikika mu kiza bicika urudandazwa. Ivyo ni bimwe mu bivugwa n’abagendesha imodoka mu gisagara ca Bujumbura aho basaba ko iyo ngingo yohagarikwa, kuko ituma ahubwo igitoro kibura gusumba.
VI. Umugambi ONAMOB wo kwagura imihora ya telephone ngendanwa za ONATEL watwaye amafranga agera ku miliyoni 30 z’amadolari ya Amerika, atanzwe nk’ingurane n’ishirahamwe ry’aba chinois Huawei, uri mu bibangamiye cane ubutunzi bw’ishirahamwe ONATEL. Ivyo bivugwa na bamwe mu bakozi ba ONATEL, aho bavuga ko iryo soko ryatanzwe hatisunzwe amategeko, uwo mugambi na wo uca unigirwa mu menshi. Inyuma y’imyaka itanu uwo mugambi utangujwe, ONATEL na leta ntibigeze bashikirizwa icegeranyo kivuga uko uwo mugambi wagenze. Ico bikoze ifaranga ryose ryinjiye muri ONAMOB ryajanwa kwishura iryo deni ry’ishirahamwe ry’abashinwa Huawei.