I. Intumbero ya Politike y’incungu ya demokrasi Melchior Ndadaye yarahonyanzwe bikomeye n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Uko niko bisigurwa n’uwahoze ari icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu, mu gihe hibukwa intsinzi yo kw’igenekerezo rya 01 Ruheshi 1993, intsinzi bitiriye iya demokrasi. Inyuma y’imyaka 29, Frédériko Bamvuginyumvira aranegura ukugene umugambwe uri ku butegetsi wabivye amacakubiri, ukiha intumbero yo gusubiza igihugu mu ntwaro y’umugambwe umwe, ubanje guhonyanga amateka intwaro za demokrasi zubakirako.
II. Amakenga ni menshi mu bakozi b’ishirahamwe ONATEL kubona ishirahamwe ry’aba nya Tunisiya SFM Technologies, rita hagati igikorwa ryahawe na leta y’Uburundi, hanyuma leta ntiryishuze canke naryo ngo rigire ico risaba leta. Abakozi ba ONATEL bo bavuga ko amafranga angana imiliyoni 30 z’amadolari ya Amerika, bibiri vya gatatu vyayo vyaciye bitwarwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD mu bikorwa vyo gutegura amatora.
III. Abanyeshure babiri bo muri kaminuza y’Uburundi n’abandi banyagihugu batatu ntawuzi irengero ryabo kuva kuri uyu wa kabiri. Abo banyeshure bari bafashwe baja gupfungirwa ahantu hatazwi, n’urwego rw’iperereza rya gisirikare mu mpera z’ukwezi kwa kane, bafadikanije n’umuhanuzi wa musitanteri mu vy’imibano wa komine Buraza intara ya Gitega. Mw’ishirahamwe ESDDH riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi baratewe umutima uhagaze n’abo banyeshure ata wuzi iyo bajanywe kuva bakuwe mu gasho ka gisirikare. Umushingwamanza Germain Rukuki arongoye iryo shirahamwe ariyamiriza inyifato y’ico gisirikare cari kijejwe gukingira bantu. Agasaba ko abo banyagihugu borekurwa.
IV. Abantu 25 barwiriyemwo abakora akazi k’izamu mu gisagara ca Kayanza, baraye ijoro ryakeye mu gasho k’igipolisi c’inyamiramabi muri iyo ntara. Bakaba bahagaritswe ku mvo z’amatohoza ajanye n’ubusuma bw’intsinga z’amatara, bica bituma ama quartiers amwe amwe abura umuyagankuba, haraheze indwi imwe. Ivyo bikaba vyatumye imirimo y’abakoresha umuyagankuba ihagarara. Bagasaba ko bosubira kuronswa umuyagankuba. Mw’ishirahamwe REGIDESO mu ntara ya Kayanza, bamenyesha ko ico kibazo c’umuyagankuba kizotorerwa inyishu bitarenze ino ndwi turimwo.
V. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi burahumuriza abanyagihugu ko ibisata bitandukanye vy’ubwo bushikiranganji biriko birakora ibishoboka mu kurwanya ikiza c’indwara y’ibitungwa bise Fièvre de la vallée du Rift. Déo Guide Rurema akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri, aho yanamenyesheje ko bitabujijwe gufungura inyama canke kunywa amata y’ibitungwa bitarwaye, ariko ari ukubanza kubiteka neza. Yanamenyesheje kandi ko leta iriko iravugana n’abo bafashanya mw’iterambere kugira haboneke incanco zo kurwanya iyo ndwara.
VI. Ihiganwa rya CECAFA rihuza imigwi y’abigeme mu mupira w’amaguru, ryatanguye kuri uyu wa gatatu i Jinja mu gihugu ca Ouganda. Imigwi 8 ni yo iri mw’ihiganwa. Mu nkino zuguruye iryo higanwa, Uburundi bwatsinze bworohewe igihugu ca Djibouti ibitsindo 3 ku busa. Iyo migwi ibiri ikaba yari yaratanye mu mitwe mu mahiganwa yo gukuranamwo mu migwi izoja mu gikombe ca Afrika. Uburundi bukaba bwari bwatsinze Djibouti ibitsindo 6 kuri kimwe. Urukino rugira kabiri rwabaye uno munsi, rwahuje Ouganda n’Urwanda. Abigeme b’igihugu ca Ouganda bakaba ari bo batahukanye intsinzi ku bitsindo bibiri ku busa. Mu rukino rwa kabiri Uburundi buzotana mu mitwe n’igihugu c’urwanda kuri uyu wa gatanu. Igihugu ca Ouganda cakiriye iryo higanwa, hamwe n’Uburundi bikaba vyararonse itike yo kuzoja mu gikombe ca Afrika kizobera muri Maroc hagati y’amagenekerezo ya 2 na 22 Mukakaro.