Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/06/2022

Publié le 8 juin 2022 par Rédaction
I. Kuri uno wa 08 Ruheshi ni ho abarundi bahimbaza umwaka ugira kabiri wahariwe gukunda igihugu, umusi uhurirana n’umusi uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yitaba Imana, hari mu mwaka wa 2020. Mu birori vyo guhimbaza uwo musi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko abarundi bamaze gutera intambwe iboneka mu nzira yo gukunda igihugu, agatanga akarorero ku barundi bari mu mahanga badahengeshanya gutanga intererano yabo kugira igihugu kive mu bukene kirimwo. Umukuru w’igihugu avuga kandi ko amaze kwibonera ubwiwe ko abarundi mu budasa bwabo basa n’abicuza ivyatumye igihugu kirwa mu kaga. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye muri iryo jambo ryiwe akaba yamenyesha ko iryo ari bimwe mw’iragi igihugu gikesha uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
II. Uwahoze ari umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye yari muri ivyo birori nyene yasavye abarundi gukunda igihugu cabo. Ivyo na vyo bigaca mu gukunda mugenzi wawe. Ku bwiwe, Uburundi ntibushobora gushika ku mahoro arama n’iterambere mu gihe hari abakirota kwomora benewabo mu gihugu.
III. Mubaharanira agateka ka zina muntu naho, kuri ino tariki bibuka imiryango izwi n’iyitazwi yakorewe amabi ku ntwaro ya Petero Nkurunziza kuva mu mwaka wa 2015. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira imiryango y’abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi, ngo kuba Petero Nkurunziza atakiriho, ntibibuza ko amatohoza ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku mabi yaranze intwaro yiwe abandanya. Umushingwamanza Gustave Niyonzima akaremesha abakorewe amabi ko bazotunganirizwa n’aho intwaro zohinduka.
IV. Intwazangabo y’ipete rya capitaine n’abandi basirikare b’abarundi bataramenyekana igitigiri, ni bo baguye mu ntambara zabahuje n’imigwi y’abitwaje ibirwanisho ya RED Tabara na FNL irongowe na Aloys Nzabampema, ku musi w’Imana uheze. Vyabereye ahitwa Kamagajo, muri territoire ya Mwenga iri mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, ni mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi. Ibiziga n’abakomeretse bakaba baraye bashikanywe mu Burundi baciye ku cambu co ku Ndava muri komine Buganda, ni mu ntara ya Cibitoke.
V. Abateshejwe izabo baba muri site ya Ryanyoni muri zone ya Kabanga na komine ya Giheta, mu ntara ya Gitega, bamirira kure iterabwoba bakorerwa n’abajejwe intwaro ku rwego rwa komine kugira bakunde basubire ku mitumba bavuyeko. Nk’ukwo bamwe mu baba muri iyo site babivuga, urwaruka rw’imbonerakure ni rwo rutumwa kuburagiza izo mpunzi zibatera ubwoba mu kubabwira ko aho baba leta ihafitiye umugambi w’iterambere. Izo mpunzi zisaba ubushikiranganji bwo gushigikirana kubavugira, kugira bareke kuburabuzwa.
VI. Ikiringo c’umwaka umwe ni co cahawe impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya ngo zibe zatahutse mu Burundi. Ni inkuru y’incamugongo ku barundi bavuga ko ico bahunze n’ubu kigihari. Bavuga ko bafise ubwoba ko iyo ngingo izoshirwa mu ngiro kuko ico gihugu gisanzwe kibangamira cane umutekano w’impunzi z’abarundi baba muri co. Basaba leta ya Tanzaniya kubafata nka bagenzi babo bava mu gihugu ca Congo canke naho baronswe uburenganzira bwo kuja mu bihugu bishobora kubakira bikabaha ituze. Bamwe muri izo mpunzi baganiriye na Radiyo Inzamba agateka kawe.
VII. Kuri uno wa kane, Uburundi buzokina na Cameroun mu rukino rwo kurondera ibihugu bizitabira igikombe c’Afrika mu mupira w’amaguru. Urwo rukino igihugu ca Cameroun ni co gihabwa amahirwe yo gutsinda ariko abakinyi b’Uburundi bivugira ko biteguye kwandika amateka y’igihugu cabo.

Ibindi bisa n'ibi