I. Hari umuntu yaraye yishwe acumiswe inkota. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu buca ari kuri uwu wa gatandatu i Bandaga, muri komine Matongo yo mu ntara ya Kayanza. Dionise batazira Bikwakwara yarasanzwe akora akazi ko kwikorera imizigo. Yoba yishwe n’umuntu aba ku mutumba Bwayi, muri iyo komine nyene nk’ukwo amakuru ava ahabereye urwo rupfu abivuga. Ku bw’ayo makuru nyene, uwagirizwa ubwo bwicanyi yari yiriwe aratata n’abandi bantu. Ayo makuru akaba yemezwa n’abajejwe intwaro muri komine ya Matongo. Uwagirizwa kuba ari we yishe ari mu minwe y’igipolisi.
II. Abari mw’idini rya Islam kw’isi yose bahimbaje umunsi w’intama. Abo mu gisagara ca Bujumbura, bahuriye ku kibuga ca COMIBU mu Nyakabiga. Sheikh Hassan Nyamwero arongoye inama nkuru y’aba sheikhs mu Burundi, amenyesha ko aba islam bose bibuka umunsi umuhanuzi Ibrahim yashatse gutanga umwana wiwe nk’ikimazi ku Mana.
III. Mu ntara ya Rumonge hoho amasengesho ajanye n’uyu musi mukuru w’intama ntiyabaye uko vyari bitegekanijwe. Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko haciye haduka akajagari. Mu ntwaro bakaba baneguye iyo nyifato.
IV. Haracibonekeza utunenge mw’itangwa ry’isukari mu ntara ya Rumonge. Abanyagihugu bavuga ko isukari yari ibagenewe kuri uyu wa gatandatu, itabashikiriye. Bagiriza abajejwe intwaro muri komine ya Rumonge kuba babifisemwo uruhara.
V. Abakozi ba komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba, hamwe n’abari mu nama mpanuzwajambo y’iyo komine, baragiriza musitanteri guhungabanya no gufata nabi abakozi. Babivuga bafatiye ku wuheruka kwirukanwa, mu nyuma akitura ubutungane ko yarenganijwe. Ubu naho akaba ariko arondera kwirukana abandi. Hari amakenga ko komine yohahombera mu gihe abirukanwa boyitsinda.
VI. Akamo gaterwa abagendana ubumuga basegereza. Barashobora kubiheba bakibeshaho. Ivyo bishikirizwa n’umukenyezi w’umurundikazi asanzwe agendana ubumuga. Mu gihe leta yashizeho itegeko ryo kurwanya abasegereza mu mabarabara, uwo mukenyezi ahamagarira uwo wese agendana ubumuga gukoresha ibihimba asigaranye mu kwibeshaho.
VII. Uyu mukenyezi arongera akiyamiriza abo bose bakotesha abana bamugaye, kugira babakoreshe mu gusegereza.
VIII. Ibitigiri vy’abana b’impunzi baheba amashuri mw’ikambi y’impunzi ya Lusenda iri mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi bibandanya vyiyongera. Vyarwiriranye kuva mu mwaka wa 2020, igihe HCR ifatiye ingingo yo kutarihira abanyeshure bose. Naho ata bitigiri biraja ahabona, abavyeyi bemeza ko abana babo bahevye kubera kubura amafranga yo kuriha ishuri.
IX. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku kibazo c’ugusuzuma urugero rw’ubumenyi, cakozwe n’abigisha bo mw’ishure shingiro.