I. Mohammed Feruzi yahoze ari buramatari w’intara ya Muyinga ejo yaraguye mu mutego w’abagizi ba nabi bataramenyekana, baramukomeretsa cane. Ivyo vyabereye mw’izinga rya Mayotte aho yagiye gusaba ubuhungiro. Abarundi babana muri ico gihugu, bavuga ko batewe umutima uhagaze n’ibitero nk’ivyo bidasiba kubashikira, bagasaba abategetsi kwitwararika ivyerekeye umutekano wabo.
II. Igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose no kuriha ihadabu y’amafranga imiliyoni 20, ni co gihano sentare y’igihugu mu ntara ya Kayanza yaciriye uwitwa Yeremiya Butigirira, ku caha yagirizwa co kwica umunyagihugu wo mw’i Bandaga, Denis Sabushimike batazira Bikwakwara. Uwo akaba yishwe acumiswe imbugita mu mpera z’indwi iheze.
III. Abanyagihugu bo ku mutumba wa Gashasha muri komine n’intara ya Rumonge bariyamiriza ipfungwa ry’umwe mu bo kuri uwo mutumba yagirizwa kuba yaratanze amakuru y’inka yabazwe kuri uwo mutumba bidakurikije amategeko. Basaba ko yorekurwa ata kirinze gusabwa kuko ku bwabo ata caha yakoze.
IV. Amakungu akwiye guhagurukira igihugu ca Tanzaniya mu bijanye n’agatotezo gakorerwa impunzi z’abarundi bari muri ico gihugu kuko igisata kijejwe impunzi muri Tanzaniya kitovyishoboza. Bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi ziri mu makambi mu bihugu vyo mu karere, CBDH-VICAR. Abishikirije inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri, abategetsi bo mu gihugu ca Tanzaniya mw’ikambi ya Nyarugusu, barandaguye amamashini yose y’impunzi z’abarundi asya ibigori. Naho rero HCR idasiba gusaba ko agateka k’impunzi zo muri ico gihugu kubahirizwa, ngo nta nguvu ifise zobuza iryo totezwa.
V. Na yo ku bijanye n’igituma hahohoterwa impunzi z’abarundi, iz’abakongomani zirorera, ngo n’uko Leta ya Tanzaniya n’iy’Uburundi zifise imigambi imwe yo guhohotera izo mpunzi. Ngo ico Leta y’Uburundi ishatse ko gikorerwa izo mpunzi gica kiba. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH-VICAR.
VI. Umushikiranganji ajejwe indero n’ubushakashatsi aherutse kwandikira abayobozi b’indero mu ntara abamenyesha ko ibirasi bifise abanyeshure bari munsi ya mirongo ibiri na batanu mw’ishure shingiro co kimwe n’ibirasi bifise abanyeshure batarenga mirongo ibiri bizofutwa mu ntango z’umwaka w’ishure uza. Abo banyeshure bakaba bazokwimurirwa mu yandi mashure. Eulalie Nibizi akurikiranira hafi ibijanye n’igisata c’indero avuga ko iyo ngingo icuritse. Ku bwiwe hari hakwiye ahubwo kugabanya abanyeshure b’umurengera bari mu birasi bitandukanye bagashirwa mu mashure afise abanyeshure bake. Ku bwiwe iyo ngingo izotuma abigisha baremerwa, na yo ubumenyi busubire inyuma.
VII. Abapolisi babiri baramaze kwitaba Imana, 35 na bo barakomereka mu masanganya yo mu mabarabara kuva mu ntango z’uyu mwaka. Vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre Nkurikiye. Akibaza ko atoba ari ubugizi bwa nabi bushasha busigaye bukorerwa abapolisi. Pierre Nkurikiye akamenyesha ko uburyo bwose ubushikiranganji buhabwa n’amategeko buzokoreshwa mu gukinga no mu kurwanya ivyo yise ububisha.