I. Nta biganiro bizoba hagati ya Leta y’Uburundi n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Ivyo vyamenyeshejwe kuri uno wa gatanu na Jean Diomède Nzeyimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari mu kiganiro abavugizi batandukanye mu vy’ubuzima bw’igihugu bashikirije. N’inyuma yaho imigambwe MSD na PPD Girijambo bandikiye umukuru w’igihugu ca Kenya asanzwe arongoye inama y’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC, bamusaba ko hoba ibiganiro hagati ya Leta n’imigambwe itavuga rumwe na yo. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu avuga ko igihe c’ibiganiro carangiye ahubwo ahamagarira iyo migambwe kwitegurira amatora yo muri 2027.
II. Amasanamu y’abantu bafatwa n’igipolisi agashirwa ku buhinga ngurukanabumenyi n’ikosa rikorwa n’abamenyeshamakuru. Izo ni zo nsiguro zatanzwe na Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano, mu gihe abavugizi b’inzego bariko bararemesha ikiganiro mu ntara ya Ngozi. Abanonosoye ibijanye n’amategeko bati ikosa ahubwo rikorwa n’igipolisi gihamagara abamenyeshamakuru gufata amasanamu y’abantu bafashwe.
III. Kubona umukuru w’igihugu c’Uburundi yagiriza bamwe mu bategetsi mu ntara ko banyuruza amatungo ya Leta hanyuma hagahanwa bamwe abandi bidegemvya, ngo ni inzego z’ubutungane zitaba zakoze akazi kazo neza. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Ku bwiwe, ngo umukuru w’igihugu ngo yari akwiye kubivuga imyuma y’amatohoza. Na yo abagirizwa ubunyonyezi ngo bari bakwiye guca bahagarikwa mu mabanga barimwo, mu kurindira ingingo y’ubutungane.
IV. Clément Nkurunziza asanzwe ari mw’ibohero ry’i Ngozi, akaba yagirizwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD, kuba yaragize uruhara mu bwicanyi bwahitanye abanyeshure b’abahutu, biga muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’igihumbi kimwe n’amajana icenda na mirongo icenda na gatanu (1995) aho yari arongoye ishirahamwe ASER, yandikiye uwurongoye inama y’igihugu ijejwe ubumwe no kunywanisha abarundi aho, amwibutsa amabanga ajejwe ko akomeye, akwiye kugendera mu kuri mu kunywanisha abarundi. Na cane cane akarwanya akarenganyo.
V. Abunguruza abantu ku mapikipiki mu ntara ya Ngozi baridogera abajejwe intwaro n’umutekano muri iyo ntara, ko bamwe babuzwa gukora amasaha yo ku mugoroba, abandi bakabareka. Abatemerewe gukora ni abo mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, mu gihe imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zikora bugaca. Bamwe mu bapolisi mu ntara ya Ngozi bavuga ko ivyo bitabaraba kuko ngo ari ivyumvikanywe hagati y’abajejwe intwaro n’umugambwe uri ku butegetsi.
VI. Igenekerezo rya 15 Mukakaro ukwo umwaka utashe amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubushobozi (Compétences) bw’urwaruka. Mu runani rw’urwaruka MIJB bahimiriza urwaruka gukura amaboko mu mpuzu bakarondera akazi kugira bateze imbere igihugu. Bishikirizwa na Gahungu Bienvenu avugira urwo runani MIJB.