Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/07/2022

Publié le 18 juillet 2022 par Rédaction
I. Gérard Ndayisenga yahoze ari umutegetsi mu biro vy’iperereza azwi nk’uwakubaguye Matata Augustin yari umunywanyi w’umugambwe CNL agahava yitaba Imana, ntakirangwa mw’ibohero rya Mpimba kuva ku munsi wa gatandatu uheze. Ibiteye amakenga ishirahamwe ACAT-Burundi. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko, avuga ko ibiriko biraba vyerekana kandi ko ubutungane bw’Uburundi butigenga.
II. Ibikorwa vyo kwimika umwunganizi w’uwurongoye misiyoni ya Nyanza-lac mw’ishengero EUSEBU, vyarabaye kuri uyu w’Imana n’aho ubuserukizi bukuru bw’ishengero mu Burundi bwari bwanse ko uwo mugirwa uba kubera bidakurikije amategeko y’ishengero EUSEBU. Igitangaje ngo n’uko vyabaye abajejwe intwaro n’igipolisi mu ntara ya Makamba bari baronkejwe ikete ribibuza. Abakristu basaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati guterera mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo birangwa muri iryo shengero kuva mu 2021.
III. Inzu za cooperative Akanovera zaheruka kugurishwa na musitanteri wa komine Kiremba co kimwe n’amatongo ya komine yari yaguzwe n’umurwizatunga Sentore, buramatari w’intara ya Ngozi yasavye ko vyose bisubizwa mu minwe ya Leta. Ivyo buramatari Emmanuel Ntaconsanze akaba yabishikirije mu rugendo yagize muri komine Kiremba y’intara ya Ngozi ku wa gatandatu uheze. Bamwe mu banyagihugu b’i Kiremba hamwe na bamwe mu bagize inama ya komine basaba ko nyabuna uwo musitanteri yohanwa.
IV. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu asigura ko buramatari w’intara ya Ngozi yubahirije amategeko ari na co catumye adashoka yirukana mu mabanga yiwe musitanteri wa Kiremba. Ku bwiwe, abarundi bari bakwiye kwisunga amategeko mu vyo bakora vyose, bakareka gushigikirana mu makosa kuko hibonekeza imigwi ibiri muri iyo komine ya Kiremba.
V. Kuri rino genekerezo rya 18 Mukakaro, amakungu arahimbaza umusi wahariwe uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Nelson Mandela. Umumenyeshamakuru w’umurundi Innocent Muhozi avuga ko Nelson Mandela azokwama yibukwa nk’umuntu yaharaniye ubwigenge, agateka k’abantu  kw’isi yose. Mu Burundi ngo niwe yatumye amasezerano y’amahoro y’I Arusha agira icashitseko. Abarundi na cane cane abategetsi ngo bari bakwiye kumufatirako akarorero mu guharanira ineza ya bose.
VI. Mu bijanye n’inkino, umugwi w’Urunani waraye utahukanye ihiganwa ry’igihugu muri Basketball naho inkino zitararangira. Urunani rukazoca ruserukira Uburundi mu nkino z’umugabane wa Afrika BAL. Nayo muri Volleyball, umugwi wa Rukinzo waraye utahukanye intsinzi yawo ya mbere muri 3 zikenewe kugira ngo utware igikombe ca playoff. Mu mupira w’amaguru naho, imigwi iriko yitegurira ihiganwa ku rwego rw’igihugu rizotangura mu kwezi kw’umunani kuza.

Ibindi bisa n'ibi