I. Umuyobozi w’ibitaro vya Musema muri komine Butaganzwa y’intara ya Kayanza, yagirizwa n’abakozi b’ivyo bitaro ko asesagura amatungo y’ibitaro kandi agatwaza umukazo. Ivyo babivuga bafatiye ko kuva agenywe kurongora ivyo bitaro, yaciye afata ibisata vyose bijanye n’ubutunzi bw’ibitaro mu minwe. Abakozi bo ku bitaro vya Musema basaba ko abarongoye akarere k’ubuvuzi ka Musema n’abarongoye intara y’ubuvuzi ya Kayanza bokurikiranira hafi ico kibazo, amazi atararenga inkombe.
II. Mu ntara z’ubumanuko i Makamba na Rumonge, hari imyidogo ku banyagihugu biyunguruza bavuga ko naho igitoro cabonetse, amafranga yo kwiyunguruza atigeze agabanuka. Basaba abajejwe intwaro gukurikiranira hafi ico kibazo.
III. Imyidogo ni yose mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’agateganyo Monge Monge iri muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Izo mpunzi zivuga ko zishwe n’inzara kubera zifungura rimwe ku musi. Abo barundi basaba ishirahamwe HCR kubagarukirako.
IV. Incanco zikinga indwara ya Vallée du rift yateye ibitungwa zigiye kuboneka mu gihugu. Amafranga agera ku miliaridi 4 ni yo azosohorwa mu kigega ca leta kugira agure izo ncanco. Vyamenyeshejwe na Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, inyuma y’inama yabahuje n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’abajejwe ubworozi mu ntara zitandukanye, kuri uno wa kabiri. Mu kurindira izo ncanco, umushikiranganji Déo Guide Rurema amenyesha ko hagiye kwigwa ingene ibitungwa bisubira kubagwa.
V. Imfashanyo ingana n’imilioni 88 z’ama dolari y’amanyamerika ni yo azohabwa Uburundi n’igihugu ca leta zunze Ubumwe za Amerika, muri uno mwaka turimwo. Vyamenyeshejwe n’uwuserukira ico gihugu mu Burundi, inyuma y’umubonano yahawe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uno wa kabiri. Melanie Higgins yamenyesheje ko iyo mfashanyo izokora mu migambi y’iterambere.