Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/07/2022

Publié le 20 juillet 2022 par Rédaction
I. Muganga Christophe Sahabo yamenyeshejwe kuri uyu wa gatatu ingingo imugumiza mw’ibohero rya Mpimba. Iyo ngingo yafashwe kw’italiki 13 Mukakaro umwaka wa 2022 n’igisata bita Chambre de Conseil ca sentare isubiramwo imanza ya Muha. Ingingo amenyeshejwe inyuma y’iminsi 7 mu gihe itari kurenza amasaha 48 n’ukuvuga iminsi ibiri. Ivyo abize amategeko banegura. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, avuga ko ipfungwa rya muganga Christophe Sahabo ririmwo imvo za politike. Aributsa kandi ko muganga Christophe Sahabo yari yarengukijwe igenekerezo rya 08 Mukakaro umwaka wa 2022, naho nyene hahonyanzwe amategeko. Tubibutseko muganga Christophe Sahabo apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba kuva kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante uwu mwaka nyene. Akaba yagirizwa gukoresha nabi amafranga y’ibitaro KIRA, mu gihe ayandi makuru avuga y’uko ari uruyeri rwa leta rwo kwifatira mu minwe ivyo bitaro, bisanzwe bifashwe mu mugongo n’ishirahamwe ryigenga ryo mu gihugu ca Suisse.
II. Ibihano bitandukanye birimwo ugupfungwa ubuzima bwose, ugupfungwa imyaka itatu, n’ugupfungwa amezi atatu ni vyo sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Kayanza yaraye iciriye ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, abapolisi batatu. Bakaba bagiriwe n’icaha c’ukuba mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu rishira uw’Imana uheze, baragize uruhara mu rupfu rw’umutama w’imyaka 65 yari azwi kw’izina rya Rojeri Havyarimana wo ku musozi Gakenke muri komine Gatara.
III. Imyidogo ni myishi mu bakozi bo ku bitaro vy’i Musema, muri komine Butaganzwa, iri mu ntara ya Kayanza, aho bavuga ko bakaswe ku nguvu, amafranga y’intererano agenewe kwubaka ingoro y’umukuru w’igihugu y’i Gitega. Bagiriza umuyobozi w’ibitaro muganga Jeledi Ndayizeye kuba yaciye kubiri n’ikete ry’umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu yandikiye abashikiranganji ababwira ko intererano yo kwubaka iyo ngoro izotangwa n’ababishatse ata gahato.
IV. Abanyagihugu bakorera  mw’isoko ya komine Kiremba iri mu ntara ya Ngozi bafise impungenge z’uko bashobora kugwara indwara zitewe n’isuku rike. Ni mu gihe ata tuzu twa Surwumwe bagifise. Amakuru dukura muri iyo komine akavuga ko utwari tuhasanzwe baduhinduyemwo utubare. Basaba abajejwe intwaro ko bosubira bakugurura ubwazibiwe, kuko abari muri iyo soko bibagora cane.
V. Bamwe mu mpunzi z’abarundi bo mw’ikambi y’i Mulongwe muri Republika iharanira demokrasi ya Congo bari barahungutse barasubiriye guhungira muri iyo kambi. Izo mpunzi zimaze gushika iwabo zivuga ko zitigeze zoroherezwa kandi umutekano batawusanze uko bavyibaza.
VI. Amatohoza ariko arakorwa mu mpunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya arateye amakenga izo mpunzi. Mu bibazo bababaza, harimwo ivyo bahunze, ivyo basize mu Burundi n’ababiraba, ico bogira mu gihe iyo kambi yokwugarwa n’ibindi. Kubera ababazwa ivyo bibazo bateguwe imbere y’igihe, izo mpunzi zibona ko raporo zizotangwa zishobora kuzoba zirimwo ibinyoma, kuko bashobora kuvuga ko impunzi zahisemwo gutaha kandi atari vyo.

Ibindi bisa n'ibi