I. Kugarukana umutekano mu karere ko mu buseruko bwa Congo kugira haboneke amahoro mu karere kose, ni vyo umukuru w’akarere ka EAC mushasha agiye gushira imbere mu vyo agiye kurangura muri iki kiringo ciwe c’umwaka. Evariste Ndayishimiye akaba yasubiriye umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, hari mu birori vyo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2022, mu nama y’abakuru b’ibihugu igira iya 22 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.
II. Abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko basabwa kugira uko bashoboye kugira bahagarike indyane za politike hagati y’ibihugu bimwe bimwe bigize umuryango. Atari uko, nta nyungu uwo muryango uzoba umariye abawugize. Akamo gaterwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi akaba n’umukuru w’ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo. Kubwa Faustin Ndikumana, abanyagihugu baba mu bihugu bigize umuryango wa afrika y’ubuseruko, bazobandanya bahanzwe n’ibibazo vy’ubutunzi biturutse ku kudahanahana ibidandazwa, biterwa n’uyo mutekano muke.
III. Imyidogo ni myinshi mu badandaza bacuruza ibikoresho vyo mu mashure mu gisagara ca Bujumbura. Bidogera ikigo PACOBU gihingura amakaye conyene, bakavuga ko kiriko kirabacereza kuko kitaratanga amakaye, mu gihe ibibanza bayacururizamwo bimara umwanya muto kandi bakabiriha amafranga menshi. Bafise amakenga ko bashobora guhomba. Basaba ico kigo gusohora amakaye kugira ngo bashobore kuyacuruza kare.
IV. Mu bakozi bubaka ikigo kizokwakira abahejeje amashure kugira ngo bige imyuga kiri mu Rusi, komine Shombo intara ya Karusi, imyidogo ni yose. Abo bakozi bavuga ko baheraniwe imishahara y’amezi yababa ane. Basaba ko botunganirizwa bakaronswa amafranga bakoreye, kugira ngo bashobore gutunga imiryango yabo.
V. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi mutegurirwa n’urunani rw’ama radiyo Inzamba, RPA na television Renaissance, gishimikira ku mwimbu uva mu burimyi mu Burundi.
VI. Umushingwamanza Isidore Rufyikiri yahoze arongoye urwego rw’abashingwamanza mu Burundi yitavye Imana mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu, ahitanywe n’indwara. Akaba yari mu buhungiro kuva mu mwaka wa 2015. Isidore Rufyikiri yamye aharanira na ntaryo ko Uburundi buba igihugu gitwarwa cubahirije amategeko, ivyo bita état de droit mu gifaransa. Isidore Rufyikiri akaba asezeye isi arongoye umuhari wa politike, uharanira impinduka nziza no gushayura igihugu MORENA. Bikuru bikuru mu vyamuranze.