I. Abanywanyi b’umugambwe CNL muri zone Mubavu komine Bweru mu ntara ya Ruyigi, baridogera musitanteri w’iyo komine ko aburabuza ibikorwa vy’uwo mugambwe. Bavuga ko kuri uyu wa gatandatu, uwurongoye umugambwe CNL mu ntara ya Ruyigi yankiwe kubonana n’abarongoye uwo mugambwe muri komine Bweru. Abo banywanyi bagiriza musitanteri wa komine Bweru ko ari we atuma ivyo bikorwa biburabuzwa, kandi amanama abera mu ngoro z’imigambwe yemewe n’amategeko.
II. Hari umunyagihugu apfungiwe mu gasho k’iperereza mu ntara ya Rutana kuva mu ndwi iheze. Abanyagihugu bo muri komine Giharo batewe ubwoba n’impungenge n’ingene yafashwe nk’uwunyurujwe. Abo banyagihugu basaba ko yorekurwa kuko ataco ariko arazira. Bagiriza iperereza mu ntara ko ari ryo ryamufashe kw’itegeko ry’abatwara umugambwe uri ku butegetsi muri iyo mu ntara.
III. Abanyafrika baba mw’izinga rya Mayotte rikukira igihugu c’Ubufaransa kuri uno wa mbere, bazindukiye mu myiyerekano mu gisagara c’ahitwa Mamoudzou. Bakaba bariko basaba ko ubutungane bwokora akazi kabwo kugira ngo inkozi z’ikibi ziherutse kugandagura umurundi Mohammed Feruzi yahoze ari buramatari w’intara ya Muyinga zifatwe, zongere zihanwe hakurikijwe amategeko.
IV. Mu makuru y’inkino yaranze iyi ndwi twaraye dusozereye, mu mupira w’amaguru, Uburundi bwatsinze Djibouti ibitsindo 2 kuri 1 mu rukino rwa mbere rw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika mu bakinyi bakina mu mahiganwa iwabo (CHAN). Turagaruka no ku rukino rwa Handball, w’ihiganwa ryo mu migwi yo mu gisagara ca Bujumbura; ihiganwa rigeze mu ndwi ya gatanu. Mu mupira w’amaboko volleyball, Uburundi bwaritavye inkino za Afrika zikinirwa ku musenyi.