Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/07/2022

Publié le 29 juillet 2022 par Rédaction
I. Uwahora ari musitanteri wa komine Kiremba, Pascal Sebigo, araye ijoro rya mbere mw’ibohero rya Ngozi. Akaba yahagaritswe mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu, acaja kumvirizwa mu biro vy’umushikirizamanza yegamiye Sentare isubiramwo imanza i Ngozi, ku muhingamo aca yinjizwa ibohero. Pascal Sebigo akaba apfunzwe inyuma yo gukurwa mu mabanga yo kurongora iyo komine kuva kuri uyu wa kane, kw’itegeko nshikiranganji. Pascal Sebigo yagirizwa ukutubaha inzego, kudashira mu ngiro ingingo z’inama ya komine Kiremba, mu ntara ya Ngozi. Aragirizwa kandi ubunyonyezi bw’amatungo ya komine no kutubahiriza amategeko agenga ugutanga amasoko muri komine. Abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi barashima iyo ngingo, bakaba basaba ko ubutungane bwokora, maze uwo yagirizwa ivyo vyaha agahanwa hisunzwe amategeko.
II. Uwurongoye koperative Sangwe yo ku mutumba Matyazo muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro arapfunzwe kuva kuri uyu wa gatatu. Apfungiwe mu gasho k’igipolisi c’inyamiramabi muri iyo komine, aho yagirizwa kunyuruza amafranga y’iyo koperative. Abanywanyi b’iyo koperative bagasaba ko yohanwa hisunzwe amategeko.
III. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo ku mutumba wa Burera zone Kayogoro muri iyo komine nyene, mu ntara ya Makamba. Ubwo bwoba bukaba buva ku myimenyerezo ya gisirikare ikorwa n’imisore y’imbonerakure. Abanyagihugu bagasaba ko iryo terabwoba ryohagarara.
IV. Bamwe mu bagwayi bitura igisata gipima imigera y’indwara ku bitaro bikuru vy’intara ya Muyinga baridogera abakozi bakora muri ico gisata, ko batabitaho iyo bagiye gutora inyishu y’ibipimo abaganga baba babatumye. Abo bagwayi bagasaba umuyobozi w’ibitaro bikuru vy’intara ya Muyinga gukurikiranira hafi ico gisata.
V. Amabarabara arenga icumi yo mu gihugu yarasanuwe, ayandi arubakwa. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatanu n’umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya leta hamwe n’inyubako rusangi, Dr Deogratias Nsanganiyumwami. Mu kiganiro catunganijwe n’ubushikiranganji arongoye, aho bari baramutse bashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji muri iki gice c’umwaka wa 2022, umushikiranganji Deogratias Nsanganiyumwami yagiriyeko amenyesha ivyigwa bigeze kure ku bijanye no kwubaka ibarabara ry’indarayi rizoshika i Gitega ku murwa mukuru wa politike.
VI. Umushikiranganji Deogratias Nsanganiyumwami yagiriyeko agabisha abashira inyubako zabo, cane cane ama stations, ku nkengera z’amabarabara ko biri mu bituma amabarabara abomoka, co kimwe n’abarima hafi y’amabarabara.

Ibindi bisa n'ibi