Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/08/2022

Publié le 2 août 2022 par Rédaction
I. Imyaka 7 iraheze, lieutenant général Adolphe Nshimirimana agandaguwe mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho. Inyuma y’igandagurwa ry’uwo yahoze arongoye iperereza ry’Uburundi, abasirikare 7, bose bahoze mu gisirikare ca kera, baciye bahagarikwa. Kuva bahagaritswe, urubanza rwabo n’ipfungwa ryabo vyaranzwemwo ihonyangwa ry’amategeko atari make, nk’ukwo vyemezwa n’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi aravuga ibijanye n’ukuburana badafise abababuranira hamwe n’igihe urubanza rumaze rutaracika. Agasaba ubutungane kwikubita agashi bukubahiriza kiremwa muntu. Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi.
II. Umushingwamanza aburanira abanyamitahe batandukanye b’ibitaro Kira asaba ko umuyobozi wa SOCABU yohindurwa kuko ari we ntandaro y’amabi yashikiye ivyo bitaro. Ivyo biri mw’ikete Me Sandra Ndayizeye yandikiye uwurongoye urwego nshingwantwaro rwa SOCABU amumenyesha ko Charles Ndagijimana ari uwo gusubirizwa kuko yafashe ingingo zitabereye ka muyobozi ahagarariye inyungu za SOCABU muri Kira Hospital.
III. Hari umugwi w’impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya warungitswe mu gatondo ko kuri uyu wa mbere mu gihugu c’Uburundi. Uwo mugwi warungitswe n’igihugu ca Tanzaniya gifadikanije na HCR, ngo wagiye kuraba uko umutekano wifashe mu Burundi, hanyuma ugaruke gusigurira impunzi ko zikwiye gutaha. Impunzi zikavuga ko zibabazwa n’ukwo ingingo zifatwa batagishijwe inama.
IV. Uyo mugwi warungitswe mu Burundi kuraba uko umutekano wifashe uriyamirizwa n’abarundi bahungiye mu makambi ya Nduta na Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Bavuga ko bahunze ubwicanyi kandi ko na benshi mu bahunguka bamaze kugaruka mu buhungiro bahunga agatotezo.
V. Impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi, bivuriza kw’ivuriro rya Katalukulu, bavuga ko ata bikoresho vyo gupima indwara bikwiye bihari. Abagwayi bobo bagendana umugera wa Sida ngo ni ikibazo kuko badashobora gupimwa kugira barabe uko amagara yifashe. Basaba ko boronswa ivyo bipimo n’umuganga abakurikirana.

Ibindi bisa n'ibi