Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/08/2022

Publié le 4 août 2022 par Rédaction
I. Igiciro c’itike ryo kwiyunguruza cigwije na kabiri muri izi ndwi zibiri hagati y’intara ya Makamba n’igisagara ca Bujumbura. Ibura ry’igitoro ni ryo riri inyuma y’iduzwa ry’itike nk’ukwo bivugwa na bamwe mu bakora akazi ko kwunguruza abantu.
II. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta ahanura abarongoye leta kwihutira gusaba impanuro z’abahinga mu vy’ubutunzi, kugira igihugu kive mu kaga kirimwo vuba bwango. Ku bwiwe, leta ikwiye kwihutira ubwa mbere gutunganya neza ibintu bijanye n’amahera y’agaciro, kugira ibintu birangurwa mu mahanga vyorohe kuboneka.
III. Ibintu vyose vya nkenerwa birahari kugira igitoro gishobore gushikanwa mu Burundi giciye mu kiyaga Tanganyika. Bishikirizwa na Diomède Nahimana, umuyobozi ajejwe uruja n’uruza muri ico kiyaga. Ku bwiwe, leta y’Uburundi iriko irakora ibintu vyinshi muri ico gisata, kugira inzira yo mu mazi ize irakoreshwa mu kujana igitoro mu Burundi.
IV. Umugabo w’imyaka 30 yari azwi kw’izina rya Dieudonné Mugisha wo ku musozi Mwendo na komine Kayanza, yaritavye Imana kuri uwu wa gatatu, yoba yariyahuye akoresheje ikiziriko. Abo babana bakavuga ko basanze ikiziga ciwe cenena ku mugozi mu cumba c’inzu cabamwo impene. Uwo mugabo yari asanzwe yunguruza abantu n’ibintu kw’ikinga, nta muntu n’umwe aramenya icatumye yiyaka ubuzima. Umuryango wiwe, co kimwe n’ababanyi, bakavuga ariko ko urupfu rwiwe ruri mu ruhererekane rwo mu muryango yamukamwo, ngo kuko yaba se wiwe co kimwe na sekuru, na bo nyene bapfuye biyahuye. Kubera impfu nk’izo zama zibonekeje muri iyo komine, mu ntwaro bahamagarira abantu bafise ingorane kwubahuka kuziganirira abo bizeye.
V. Imyidogo ni yose mu bakozi ba leta, aho kugeza uyu musi batararonswa agahembo kabo k’ukwezi kw’indwi. Bavuga ko ingaruka mbi zo kudahembwa ku gihe zica ziba nyishi mu miryango y’abakozi ba leta kugera no mu ma banki batsemwo ingurane. Basaba ubushikiranganji bw’abakozi ba leta n’ubw’ikigega ca leta kuva mu gacerere, bakababwira ingorane boba baragize kugira ntibaronswe agahembo kabo ku gihe.
VI. Ishirahamwe Niwakal rikorera mu ntara ya Muyinga ryarahonyanze amategeko agenga akazi mu ngingo yayo ya 88. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Yves Runyagu, inyuma yaho abakozi b’iryo shirahamwe bamaze amezi arenga atandatu bataronswa agashahara kabo, bagakorera no ku masezerano yo kugeragezwa mu kazi yataye igihe. Yves Runyagu akavuga ko bibabaje cane kubona hakiriho abakoresha bakorera ibintu bene ivyo abakozi babo.

Ibindi bisa n'ibi