I. Umubabaro ni mwinshi kuri bamwe mu bagendesha imodoka n’amapikipiki mu ntara ya Muyinga. Bavuga ko basabwa igiturire n’abapolisi, be n’imbonerakure basanga kuri station yaronse igitoro. Basaba abajejwe intwaro n’umutekano kugira ico bakoze mu kubituza.
II. Ku bijanye n’iryo kena ry’igitoro, umwiheburo be n’umwizero wo gutora umuti urama w’iyo ngorane iri mu gihugu cose, ni yo ngendo iranga umukuru w’igihugu. Aho ni mu gihe harangwa ubukene bw’amafranga y’agaciro mu kigega ca leta. Evariste Ndayishimiye yatanze ikiringo c’ukwezi kutarenga kugira azobe yatoye umuti ku kibazo c’ibura ry’igitoro.
III. Kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi, isukari ya SOSUMO, n’isima ya BUCECO si vyo vyotuma ivyo bidandazwa bimaze igihe bikena vyoca biboneka. Ivyo vyavuye mu nama nshikiranganji yo kuri uno wa gatatu no ku wa kane. Ishirahamwe Brarudi risaba ko hoduzwa kw’icupa ry’ikinyobwa caryo, amafaranga ari hagati ya 300 na 600, nayo BUCECO umufuko wisima ukaduzwa amafaranga 300 y’amarundi ku mufuko. Ibiri mu cegeranyo c’iyo nama bijanye n’ivy’ayo mashirahamwe, tubishikirizwa na Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa leta.
IV. Muri iyo nama kandi, abagize leta bafunditse ko abakozi ba leta bakukurutse imbere y’umwaka 2020 bagiye kudugirizwa amafranga bahora baronka kuva ku bice mirongo itatu gushika kuri mirongo itanu. Vyongeye, nta mukukuruke azoronka amafranga ari munsi y’ibihumbi mirongo itatu. Tubibutse ko umukuru w’igihugu wewe yari yemeye agishikira ubutegetsi ko abakukurutse bazohora baronswa amafranga angana n’umushahara bahora bahembwa bakiri mu kazi, kandi vyari guca bija mu ngiro ubwo nyene, ariko gushika n’ubu bikaba bitari bwashirwe mu ngiro.
V. Abantu 7 baraye baciriwe imyaka 15 y’umunyororo. Iyo ngingo yafashwe na sentare nkuru ya Kirundo mu rubanza rw’ikibiriraho rwabaye kuri uyu wa kane. Abo bantu bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.
VI. Hari imyidogo mu bafise inzu z’ubunywero co kimwe n’abaguzi b’inyama muri komine n’intara ya Kayanza. Bemeza ko ata nyama z’ibitungwa baronse kuri uwu wa gatanu. Ni mu gihe bari bafise icizere cinshi c’uko bahava babukura mu cibo, nk’uko abajejwe intwaro bari babibamenyesheje.
VII. Baratabaza bavuga ko babandanya batotezwa. Abo na bo ni impunzi z’abarundi bari muri Tanzaniya. Ni inyuma yaho kuri uyu wa gatatu, utuzu tw’idandarizo turi muri zone ya 11 mw’ikambi ya Nyarugusu, twabomaguwe n’igipolisi ca Tanzaniya. Ibidandazwa nk’amasabuni, amasafuriya n’ibindi ntibikiboneka. Abadandaza, bavuga ko batakigira ayo bacira n’ayo bamira, bagasaba leta ya Tanzaniya kubareka bagakora udukorwa two kwiyungunganya.