I. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch ryarababajwe n’ijambo umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo yashikirije ryo gushimagiza Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’iperereza, inyuma y’imyaka indwi agandaguwe. Human Rights Watch ikabona ko ijambo nk’iryo ritari kuvugwa na rirya Adolphe Nshimirimana azwi kuba ari umuntu yabaye rurangiranwa mu guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi. Iryo shirahamwe rikabona ko ivyo guteza imbere agateka ka zina muntu biri kure nk’ukwezi.
II. Igihano co gupfungwa imyaka 15, caciriwe abantu indwi bo mu ntara ya Kirundo, mu rubanza rw’ikibiriraho, bagirizwa kugomba kuja mu migwi y’abitwaje ibirwanisho ngo n’igihano baciriwe hadakozwe amatohoza akwiye. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, yanonosoye ibijanye n’amategeko. Uwo mushingwamanza avuga y’ukwo ubutungane bwari kugenda bukebuke kugira ntibasange hari abadodoberejwe, kuko kurenga imbibe z’igihugu ntibisigura na ntaryo kuba abantu bagiye mu migwi y’abitwaje ibirwanisho.
III. Umushingwamanza Janvier Birimana avuga kandi ko abo bantu indwi bataronse umwanya wo kuronswa abababuranira imbere y’intahe kugira bashobore kwiregura neza ku vyo bagirizwa.
IV. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira kw’itunganywa ry’inama nkuru y’ubucamanza.