I. Umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi mu kiganiro wagiranye n’abasirikare, baravuganye inkomoko y’izina ryiswe Icibutso c’intwaramiheto bakunze kwita icibutso c’umusirikare atazwi. Bavuga ko n’uwo musirikare azwi, ariko ko abamwishe batwara ico gihe, ari nabo bahavuye bahindura n’izina ry’icibutso bakacita ukwo. Docteur Emmanuel Nkurunziza, umuhinga yakoze ubushakashatsi ku bijanye n’ihonyabwoko, avuga ko ivyashikirijwe n’uwo mugwi ari ikinyoma ceruye. Abandanya avuga ko intumbero yavyo atari iyo kunywanisha abarundi, ahubwo ko ari intumbero abagize uwo mugwi bihaye yo guhuvya no kuzimanganya ukuri kuri kahise k’Uburundi, no guteranya abarundi.
II. Ikibazo c’ibifungurwa bike mu mabohero ari mu gihugu kirateye umutima uhagaze ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo. Iryo shirahamwe ribonako ubwo bukene bw’ibifungurwa riva ku banyororo benshi bari mu mabohero ugereranije n’ibitigiri ayo mabohero yategerezwa kwakira. Pierre Claver Mbonimpa arongoye APRODH, asaba ko ababijejwe botorera inyishu ico kibazo ku neza y’abanyororo.
III. Pierre Claver Mbonimpa ariyamiriza n’ingene abanyororo bafungiwe ivya politike n’abagirizwa kuba bari mu migwi igwana bafashwe. Abo banyororo na bo nyene ngo bategerezwa gufatwa hubahirijwe agateka kabo.
IV. Umukenyezi n’ikibondo yari ahejeje kwibaruka baritavye Imana mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Inkuru zitangwa n’ababa muri iyo kambi bakurikiranira hafi imibereho y’impunzi, bavuga ko uwo mukenyezi n’umwana wiwe bazize ukutitabwaho. Bivugwa kandi ko abakenyezi batitabwaho bikwiye, hakaba hibonekeza abatari bake bitaba Imana bagiye kwibaruka, mu biringo bitandukanye.
V. Mu mupira w’amaguru, umugwi Aigle noir ni wo yatahukanye igikombe c’inkino zitanguza ihiganwa ku rwego rw’igihugu wirahiye Athetico New Oil. Mu mupira w’amaboko Basketball, umugwi w’Urunani ni wo waraye utahukanye igikombe c’ihiganwa Basketball Viva Ligue, ku rwego rw’igihugu; umugwi watahukanye n’ubundi bushimwe butari buke.