Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/08/2022

Publié le 9 août 2022 par Rédaction
I. Ubutunzi bw’Uburundi bwifashe neza naho hari abarundi bakenye. Bishikirizwa n’umushikiranganji w’ikigega ca leta. Domitien Ndihokubwayo, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye, afatira ku cegeranyo c’ikigo kiraba ivy’ubutunzi Fonds monétaire International FMI, cerekana ko Uburundi bwateye intambwe ku rugero rw’ibice 3%, umuntu agereranije n’ibindi bihugu vya Afrika canke ivya buraya.
II. Iyo mvugo y’umushikiranganji w’ubutunzi n’ikigega ca leta isa n’iyo gushinyagurira abarundi mu kuvuga ko badakenye, kuko ubutunzi canke ubukene umuntu abubonera mu rugo, no mu nda. Bishikirizwa na André Nikwigize, umuhinga mu vy’ubutunzi, akaba yarabaye umuhanuzi mukuru mu vy’ubutunzi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Avuga ko atari agaseseshwarumuri abarundi barashonje. Ariko rero ngo hariho akagwi k’abatunzi. Abo na bo, ngo ni abo birirwa barubaka amagorofa, ni imparurwa, ngo ntawobafatirako avuga ko abarundi badakenye.
III. André Nikwigize afatiye ku biharuro bitangwa na raporo yatanzwe n’abahinga b’ikigega c’isi Fonds monétaire International, Uburundi buri mu bihugu vya nyuma mu karere no kw’isi nzima.
IV. Ntibigikenewe ko ibitungwa bigenewe kubagwa vyegeranirizwa hamwe. Ivyo vyamenyeshejwe kuri uyu wa mbere na Deo Guide Rurema umushikiranganji w’ubworozi, inyuma y’inama yo kuraba aho igikorwa co gucandaga ibitungwa kigeze, mu ntumbero yo kubikingira inyonko yo mu kiyaya ca Rift. Iyo ngingo yerekeye ibitungwa vyo mu bice bitarimwo iyo ndwara. Ije kandi nk’inyishu ku myidogo y’abayangayanga bavuga ko ata co bunguka ku nka ziba zajanwe kwegeranirizwa hamwe. Umushikiranganji Déo Guide Rurema amenyesha ko bitungwa 43961 ari vyo bimaze gucandagwa.
V. Basaba umukuru w’igihugu kubatunganiriza. Abo n’abanyagihugu bari bahawe amatongo na leta mu Maramvya muri komine Mutimbuzi y’intara ya Bujumbura. Bavuga ko bamaze amezi cumi ibikorwa vyose vyarahagaritswe. Bavuga kandi ko ingingo iherutse gufatwa n’inama nshikiranganji ivuga ko ayo matongo yose ari aya leta, iteye amadidane kuko ata co yigeze ivuga ku bantu bahawe ama parcelles na leta nyene.
VI. Imyidogo ni yose muri bamwe mu banyeshure bahejeje kuri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika ULT. Abo banyeshure bavuga ko haciye imyaka itatu bahejeje amashure, ariko gushika ubu bakaba batararonka impapuro zabo z’umutsindo. Basaba abarongoye iyo kaminuza gutorera umuti ico kibazo.
VII. Ubwoba ni bwinshi ku banyagihugu bafata ingendo bakoresheje ibarabara rya Bururi-Rumonge. Babona ko iryo barabara rishobora kubomoka umwanya uwari wo wose ata gikozwe. Ubwo bwoba bafise bufatiye ku misozi yegereye iryo barabara iguma isenyuka muri zone ya Bururi no muri zone ya Buruhukiro iri muri komine ya Rumonge. Abo banyagihugu babona ko hamwe ata cokorwa, iryo barabara na ryo nyene rishobora gusenyuka, bagaca bagira ingorane zo kwiyunguruza.

Ibindi bisa n'ibi