I. Abantu babiri ari bo Simoni Bimenyimana w’imyaka 47 na Sipiriyano Minani w’imyaka 54 bose bo ku musozi Kirehe, komine Kabarore, baritavye Imana kuri uwu wa kabiri baguweko n’umusozi. Iryo sanganya rikaba ryashitse mu gihe bariko barimba ubutare ku musozi Kivuvu. Ibiziga vy’abo bantu bikaba vyahavuye bikurwa muri ico kinogo, bijanwa kw’ivuriro rito ry’ahitwa Ryamukona mu kurindira ko bafubanwa iteka.
II. Umwe mu barundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi iri i Nduta muri district ya Kibondo, mu gihugu ca Tanzaniya, yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana. Uwishwe ni umukenyezi bita mama Bukuru, asanzwe afise abana b’amahasa. Ikiziga ciwe catowe hagati y’amazu ari mw’ikambi ya Nduta, muri zone ya 13 yarasanzwe abamwo. Ababonye ikiziga ciwe bakavuga ko yarafise ibimenyetso vy’umuntu yishwe abanje gufatwa ku nguvu.
III. Uwurongoye komine Kanyosha yo mu ntara ya Bujumbura yaraye ahagaritswe mu mabanga yo kurongora iyo komine. Mu vyo yagirizwa harimwo isesagurwa ry’amatungo ya komine no kudakurikiza amategeko mu gutanga amasoko ya komine. Abanyagihugu bo muri komine Kanyosha bakaba basaba ko yokurikiranwa n’ubutungane.
IV. Igipolisi gikorera muri komine Kabarore, mu ntara ya Kayanza, carafashe kuri uwu wa kabiri ibiro 171 vy’ikawa yumye, ku musozi Karama, mu gihe yagire ijanwe kugurishwa inyuma y’igihugu. Mu bantu umunani bari bayitwaye, babiri barafashwe bajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine Kabarore, abandi batandatu bakaba bakironderwa. Musitanteri w’iyo komine Berchmans Nsaguye ahamagarira abo arongoye kwama barikanuye, kugira urudandaza rwa magendo rukunda kwibonekeza muri iyo komine rutuzwe.
V. Uwurongoye intara ya Rumonge yasohoye kuri uyu wa kabiri urwandiko rwibutsa ibiciro bitegerezwa gukurikizwa mu kwiyunguruza; imyidogo iracari yose mu banyagihugu bo muri iyo ntara basanzwe bakoresha ingendeshwa rusangi mu kwiyunguruza. Ikibabaza abo banyagihugu ni uko n’ubu ata cahindutse amafranga yo kwiyunguruza aguma ari umurengera.
VI. Mw’ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo, bariyamiriza imvugo y’umushikiranganji w’ikigega ca leta Domitien Ndihokubwayo, aho yemeza k’ubutunzi bw’igihugu bwifashe neza. Kubwa Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe, asaba abategetsi b’Uburundi kuvugisha ukuri, mu kudomako urutoke aho igihugu kirwaye, bakanatorera umuti ingorane zihanze igihugu. Bakirinda gukoresha imvugo za politike.
VII. Abarundi bitabira Imana mu kibano, ngo bari mu batuma ibiharuro vy’ukuri vy’abarundi bitamenyekana mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, ari na vyo imigambi y’igihugu yisunga. Bishikirizwa na Martin Ninteretse, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano. Mw’itangazo basohoye ku bijanye n’umusi w’inzandiko ndangamuntu muri Afrika, Martin Ninteretse yavuze ko ivyo biri mu bituma imigambi ya leta itagenda neza. Ahamagarira abanyagihugu kwubahiriza amategeko mu kwandikwa mu gitabu ndangamuntu.