Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/08/2022

Publié le 12 août 2022 par Rédaction
I. Abarongoye imigambwe itavuga rumwe na leta isabwa gushigikira ibikorwa vya leta bakareka kubisuzugura. Akamo katewe kuri uyu wa kane n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, mu mwiherero w’iminsi ibiri watunganijwe ku migambwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.
II. Imigambwe itavuga rumwe na leta ntaco ifise yofatirako mu gushigikira leta kuko umugambwe uri ku butegetsi washize igihugu mu bibazo bitagira izina. Uwo ni umwihwezo wa Frédéric Bamvuginyumvira. Ku bw’uyo arongoye urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR Arusha, ngo umugambwe uri ku butegetsi nturatahura icarico demokarasi, kuko kuba ufise ubutegetsi bidasigura ko ufise ukuri.
III. Ubukene bw’ibinyobwa vya Brarudi bwasubiye kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bigatuma abadandaza bakora bahomba, abavyihereza na bo bakavuga ko bitaborohera kuko n’aho bibonetse biba vyadugijwe ibiciro. Baba abadandaza canke abihereza ibinyobwa vya Brarudi, basaba iryo hinguriro gukora ibishoboka kugira ibinyobwa biboneke.
IV. Haribonekeza ubukene bw’ibinyobwa vya Brarudi mu ntara ya Rumonge, mu bumanuko bw’igihugu. Abihereza ivyo binyobwa bakaba bikeka ko ababidandaza babinyegeza kugira ngo babigurishe amafranga y’umurengera.
V. Aragabisha abatanga amakuru yo mu mpunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Uwo ni Manirakiza Jafeti aserukira impunzi muri iyo kambi, akaba yabishikirije kuri uyu wa kane mu nama rusangi yagirishije impunzi. Aremeza ko amwe mu makuru atangwa aba ari yo, ariko agasaba ko abayatanga bobanza kubimucishako kugira ngo bayahinyanyure. Bamwe mu mpunzi, bavuga ko ukwo ari ugusuzugura no gusuzuguza abaharanira agateka ka muntu, n’amaradiyo ku nyungu ziwe.
VI. Amabi atandukanye akorerwa impunzi z’abarundi zahungiye muri Tanzaniya arateye umutima uhagaze ishirahamwe riharanira agateka k’impunzi, muri ico gihugu. Mu cegeranyo c’amezi atatu c’iryo shirahamwe “Dynamique pour les droits des réfugiés en Tanzanie” bashize ahabona kuri uyu wa gatanu, barerekana amabi impunzi zimaze gukorerwa. Basaba ishirahamwe HCR n’igihugu bahungiyemwo kubakingira.

Ibindi bisa n'ibi