Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/08/2022

Publié le 15 août 2022 par Rédaction
I. Igisirikare ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kiramenyesha ko abasirikare b’abarundi binjiye ku butaka bwa Congo kuva kuri uyu wa mbere. Ni mu ntumbero yo gushira mu ngiro igikorwa c’ukugwaniriza hamwe n’igisirikare ca Congo imigwi yose igwanira muri ico gihugu, nk’ukwo biheruka gupfundikirwa mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko.
II. Ubwoba na bwo ni bwose mu banyagihugu bo muri komine Mabanda, mu ntara ya Makamba, biturutse  ku karashishi n’imyimenyerezo ya gisirikare yakozwe kuri uno wa gatandatu mu gatondo, n’imisore y’imbonerakure. Muri iryo karashishi baririmba indirimbo zityoza imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, cane cane umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa.
III. Abajejwe intwaro rero bategerezwa guhimiriza abo barongoye kwubaha umuntu wese n’ivyiwe. Ako kamo katewe na Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL. Hari kuri uwu w’Imana mu ntara ya Kirundo, imbere y’abanywanyi b’uwo mugambwe. Akaba yariko yiyamiriza ingene ibikorwa vy’umgambwe CNL vyama vyaburabujwe n’abantu bari mu mugambwe uri ku butegetsi.
IV. Ijoro ryo ku wa 14 rishira uwa 15 muri myandagaro umwaka wa 1988 ryabaye rirerire mu ma komine ya Ntega mu ntara ya Kirundo na Marangara mu ntara ya Ngozi. Ubwicanyi bufatiye ku bwoko niho bwahitana abantu bo muri ayo ma komine.  Abantu baharurwa mu bihumbi nibo bishwe, nk’ukwo vyemezwa n’abategetsi b’ico gihe. Inyuma y’imyaka 34 ubwo bwicanyi bubaye, ishirahamwe AC Génocide Canada rimenyeshako rikirajwe ishinga n’ivyabaye. Kubwa Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, ubwo bwicanyi ni bwo bwatanguje ukudahana mu vyaha vy’ihonyabwoko. Iryo shirahamwe risaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushiraho sentare mpanavyaha ku Burundi ryemeye, kugira abakoze ivyo vyaha bitababarirwa bahanwe.
V. Imyaka kandi ibaye indwi Colonel Jean Bikomagu agandaguwe hari kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro 2015. Ubutungane ntibwigeze bushira ahabona ibijanye n’iyo dossier y’uwo mukukuruke yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi. Abaharanira agateka ka muntu bagiriza leta kuba itashizemwo ugushaka kugira abakoze icaha bamenyekane.

Ibindi bisa n'ibi