Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/08/2022

Publié le 16 août 2022 par Rédaction
I. Hari abasirikare b’abarundi batari bake bamaze kuja gufasha mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bindi bihugu bidoga. Banegura ko amafranga ava muri ivyo bikorwa ari menshi, ariko bakabona ko adateza imbere igisirikare c’Uburundi muri rusangi, canke ngo ateze imbere umusirikare ku giti ciwe. Basaba abarongoye ico gisirikare gutunganya neza ayo mafranga ku neza y’igihugu.
II. Leta y’Uburundi irafise umugambi wo gukwiza ku masoko ibihingurwa n’amahinguriro ya BUCECO, Brarudi na SOSUMO bisanzwe bitakiboneka cane muri kino gihe. Vyavuzwe n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yishura ku makenga y’abashingamateka n’abakenguzamateka mu mpera z’indwi iheze. Akaba yariko arashikiriza ivyaranguwe na leta mu mezi atandatu aheze. Ku bwiwe, muri iyo mikenyuro ngo harimwo gusahiriza ayo mahinguriro no kwugururira ababikura hanze.
III. Ibisabwa ko amahinguriro agwizwa vyose vyega leta. Ivyo na vyo bikerekana ko ku vyerekeye leta y’Uburundi, atari ivyoroshe na mba. Ivyo biva ku mwihwezo wa Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi. Akaba yabivuze afatiye ku vyo umushikiranganji wa mbere, Alain Guillaume Bunyoni yashikirije, aho yavuga ko kugira ibintu vya nkenerwa ntibisubire kubura mu gihugu ari ukwo hokwugururwa amahinguriro menshi abikora. Ariko rero umuntu afatiye ku vyo umuhinga Faustin Ndikumana avuga ko bitegerezwa gukorwa kugira ayo mashirahamwe yugurure, impinga iracari ndende.
IV. Hatanguye gukorwa ikibazo ca leta NECTA co mu mwaka wa nyuma w’ishure nshingiro n’umwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye mu makambi y’impunzi muri Tanzaniya. Ivyo vyabaye kuri uyu wa kabiri inyuma y’umwaka urenga kuri bamwe n’amaze arenga abiri ku bandi, barindiriye kuronswa ivyo bibazo. Abanyeshure barenga 650 ni bo bariko barakora ivyo bibazo mu makambi ya Nyarugusu na Nduta.
V. Ni akababaro kadasanzwe ku bigisha kuva aho bumviye ko imishahara bari bemerewe na leta katazoboneka, nk’ukwo vyari vyitezwe. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye COSSESONA, urunani rw’ama syndicat y’abigisha Victor Ndabaniwe, kuri uyu wa kabiri. Ku bwiwe ngo ivyaraye bimenyeshejwe n’umushikiranganji w’ikigega ca leta ni uburyo bwo kudindiza ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi wo kubongera imishahara, kuko umaze kuburabuzwa kenshi.
VI. Amezi atatu araheze ata sabuni impunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu zironkejwe, bagatinya ko bashobora gufatwa n’indwara ziturutse kw’isuku rike. Igitangaza izo mpunzi, ni ukwo bagenzi babo baturuka mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi bazironswa ukuri kwamye, kandi ku gihe. Bagasaba igisata kijejwe impunzi HCR gufata co kimwe impunzi, na cane cane ko zigengwa n’amategeko amwe.

Ibindi bisa n'ibi