I. Imiryango y’abanywanyi babiri b’umugambwe CNL ku mutumba Muruta komine Gashoho intara ya Muyinga, irasaba ubutungane ku babo bakubaguwe n’imbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD kuri uwo mutumba ku wagatandatu uheze, aho umugambwe CNL wari watunganije inama ahitwa I Gisanze.
II. Uruja n’uruza rw’amakinga n’ama pikipiki rurabujijwe mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Biri mu rwandiko rwasohotse kuri uyu wa kabiri rwanditswe n’uwurongoye iyo kambi. Umubabaro ni mwinshi mu mpunzi kuko ayo makinga n’ama pikipiki vyahora bibafasha muri twinshi. Basaba HCR kubaba hafi kuko bimaze kugaragara ko badakundwa na leta ya Tanzaniya.
III. Hagize iminsi hibonekeza ikena ry’amazi mu ma quartier atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu bamwe bamwe bavuganye na Radiyo Inzamba bakaba basaba ishirahamwe REGIDESO rijejwe gutanga ayo mazi ko ryotorera inyishu ico kibazo, kuko amazi ari nkenerwa mu buzima bwa minsi yose.
IV. Kuri iyo myidogo y’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, umuyobozi mukuru wa REGIDESO arabahumuriza. Albert Manigomba amenyesha ko ishirahamwe arongoye ryatanguye gukwega amazi ava mu masoko mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura. Arongera akamenyesha ko ishirahamwe rifise umugambi wo kubaka station yindi ihingura amazi meza muri quartier Nyabugete, kugira ikibazo c’ubukene bw’amazi meza mu gisagara gitorerwe umuti burundu.