Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/08/2022

Publié le 19 août 2022 par Rédaction
I. Igiturire ni co kirangwa ku ma sitasiyo adandarizwamwo igitoro mu gisagara ca Bujumbura, abanywesha igitoro bavuga ko abifise ari bo bakironswa babanje gupfumbatisha abajejwe kugitanga. Basaba inzego za leta zibijejwe gutunganya neza itangwa ry’igitoro, kigatangwa hakurikijwe uko batonze ku mirongo, aho gukundwakaza abafise amikoro.
II. Ukuvuguruzanya kuribonekeza mu majambo ashikirizwa ku muti w’ikibazo c’iryo kena ry’igitoro mu gihugu. Umukuru w’igihugu mu majambo aherutse kuvugira mu ntara ya Ngozi yemeje ko mu kwezi kumwe gusa, igitoro kizoba cabonetse mu Burundi. Ariko umushikiranganji wa mbere nawe imbere y’abashingamateka ati abarundi ni bige nyabuna gucumbagira, kuko nta gitoro citeze kuboneka.
III. Izo mvugo zibiri muri leta imwe zerekana ko igihugu cataye ibijanye n’insiguro y’uburongozi kuko leta idashobora gutorera inyishu ibibazo bihanze abanyagihugu ijejwe, ntaco iba ikibereyeho. N’umwihwezo wa Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR Arusha ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta. Ku bwiwe, ngo abagize leta y’uno munsi ntibabona kumwe ibijanye na kazoza k’igihugu.
IV. Ni ryari itegeko ryo kunganisha imishahara mu bakozi ba leta rizoja mu ngiro ? Kuri ico kibazo, hari ukuvuguruzanya hagati y’abategetsi bamwe bamwe b’igihugu. Ku bw’umushikiranganji w’ikigega ca leta, imishahara ifatiye kuri iryo tegeko ntizonyaruka kuboneka kuko kuyiharura bisaba ubuhinga Uburundi budafise. Ariko icegera c’umukuru w’igihugu we avuga ko ico ari ikinyoma.
V. Abajejwe intwaro ku rwego rwo ku mitumba muri komine Kanyosha yo mu ntara ya Bujumbura bavuga ko bamaze amezi atatu bataronswa agashirukabute kabagenewe. Abo batware bo ku mitumba babona ko mu gihe uwahora arongoye iyo komine aherutse kubogozwa, bari bakwiye guca batunganirizwa.
VI. Ishirahamwe ryishinze gushigikira abaharanira agateka ka zina muntu bageramiwe ESDDH, rirahagaritswe umutima n’ihonyangwa ry’uburenganzira burekuriwe abapfungwa mu mabohero atandukanye mu gihugu. Aho hakavugwa ibijanye n’ugufungurirwa, ukwivuza hamwe n’ibijanye n’uburaro. Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryasohoye ku bijanye n’iryo honyangwa, Félicien Irimbere ajejwe kumenyesha amakuru avuga ko abakora ayo mabi cane cane ari bamwe mu barongoye amabohero. Akabasaba guhagarika ibijanye na ka mwana wa mama mu bijanye n’uburenganzira bw’abanyororo basanzwe barekuriwe n’amategeko.

Ibindi bisa n'ibi