Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/08/2022

Publié le 20 août 2022 par Rédaction
I. Umuhora wa telefone ngendanwa w’ishirahamwe LACELL warahagaritswe ku ngingo yafashwe n’ikigo ARCT kijejwe gucungera ibijanye no gutumatumanako amakuru mu Burundi. Ibirarane vy’amakori ni vyo vyatumye hafatwa iyo ngingo, ariko mw’ishirahamwe LACELL ho barahakana ko baheranye, nk’ukwo bisigurwa mw’ikete y’umuyobozi mukuru wa ARCT.
II. Iryo yugarwa ry’ishirahamwe LACELL SU rikoresha izina ry’ubudandaji SMART n’ikimenyetso kibi cane ku butunzi bw’igihugu, na cane cane ko iryo shirahamwe ryo ryemeza ko ryamaze kwishura amakori ryari riheraniye ikigo cegeranya amakori OBR. Uko niko Faustin Ndikumana abibona, akababazwa n’ukubona ko uguhagarika amasezerano n’iryo shirahamwe bizogira ingaruka mbi cane ku butunzi bw’igihugu muri rusangi. Asaba ko leta yoshiraho umugwi wigenga wokumvikanisha izo mpande zibiri, vyotuma kandi abanyamitahe mvamakungu babandanya kuzana imitahe yabo mu Burundi, na cane cane muri ico gisata co gutumatumanako amakuru.
III. N’umwiheburo mu bakozi ba leta. Ivyo biterwa n’amajambo ahushanye y’abategetsi, ku vyerekeye ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo kunganisha imishahara. Umushikiranganji w’ikigega ca leta avuga ko ari ukuzobanza kuzana abahinga bavuye hanze guharura iyo mishahara. Icegera c’umukuru w’igihugu na we si uko abibona. Avuga ko ico ari icitwazo. Abakozi ba leta bavuganye na Radiyo Inzamba babona ko uko kuvuguruzanya bituma bibaza y’ukwo ivyo kunganisha imishahara vyoba koko bizoteba bija mu ngiro.
IV. Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bubanza mu ndwi iheze yarafatanywe imifuko y’ifumbire ishika ijana, yari yanyegeje mu biro vyiwe. Abarimyi n’abanyagihugu muri rusangi basabako intahe yomukubita mu gahanga, akishura ivyo yakoze.
V. Umwaka w’ishure wa 2022 ushira 2023 buca utangura mu Burundi. Ishirahamwe PACOBU ryamaze gushira ahabona ibiciro vy’amakaye.  Iryo shirahamwe rikaba ari ryo ryonyene rikora amakaye mu Burundi. ariko naho ibiciro vy’amakaye vyashizwe ahabona, abadandaza ntibavyakira neza kuko ku bwabo iryo shirahamwe ritagikora amakaye.
VI. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku bijanye n’ingene abana b’abanyeshure bokurikiranwa mu bihe vy’uburuhuko.

Ibindi bisa n'ibi