I. Umugabo azwi kw’izina rya Emmanuel Ndagijimana w’imyaka 29, yaraye yishwe n’abantu batamenyekanye, mw’ijoro ryo ku wa Mungu rishira uno wa mbere ku mutumba Bihembe, zone Bumba, komine Bukinanyana, y’intara ya Cibitoke, nk’ukwo amakuru ava mu bajejwe intwaro n’igipolisi avyemeza. Abakoze ubwo bwicanyi bategereye uwo mugabo mu nzira igana ku muhana iwe. Abamubonye ubwa mbere bamusanganye ibimenyetso vy’amaraso mu kanwa, ibikomere ku jisho ry’ibubamfu, ku maboko no ku maguru. Ikiziga ciwe kikaba caciye kijanwa ku bitaro biraho hafi. Abantu bane bakaba baza bari mu minwe y’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
II. Abadandaza babiri barafashwe barasinzikarizwa ubuzima mu gasho k’ibiro vy’iperereza mu ntara ya Rutana mu mpera z’iyi ndwi iheze, ariko mu nyuma bararekurwa. Ivyo biro vy’iperereza bikaba vyabagiriza gukora urudandazwa rw’igitoro kivuye mu gihugu ca Tanzaniya bidakurikije amategeko.
III. Abakenyezi batatu barapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi ka komine Kabarore, inyuma y’aho bafatiwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana buca ari kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro. Hakaba hari ku musozi Kivuvu w’i Kabarore nyene, bafashwe bafise ibiro 51 n’amagarama amajana ane vy’ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan bari bakenyereyeko. Uwa mbere yafatanywe ibiro 16, uwugira kabiri ibiro 20 n’amagarama ijana, uwugira gatatu na we ibiro 15 n’amagarama amajana atatu. Uwitwa Jean Mateso bivugwa ko ubwo butare bwari rwiwe, na we nyene yarafashwe arapfungwa. Mu nyamiramabi bakaba batanguye kubakorera dosiye. Aho muri komine ya Kabarore hakaba hama hafashwe abantu bagira urudandaza rwa magendo rw’ubutare n’ikawa.
IV. Inyuma y’ikiringo c’ukwezi kurenga abana bo mw’ibarabara begeranijwe bagasubizwa mu miryango iwabo, abo bana basubiye kugaruka mw’ibarabara ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, aho baboneka mu tugwi duto mu bibanza bimwe bimwe vyo kuri uwo mugwa mukuru w’intara na cane cane imbere y’amazu y’uburiro. Imvo zituma abo bana bagaruka mw’ibarabara ziratandukanye. Zimwe ngo zifatiye ku bukene buri mu miryango baturukamwo.
V. Umuhari ugwanya leta y’Uburundi RED Tabara umenyesha ko utarota uhagarika urugamba watanguye kuko leta y’i Bujumbura yanse inzira y’ibiganiro bihuza bose vyari bishigikiwe n’akarere ka afrika y’ubuseruko EAC n’ubumwe bwa Afrika. Mw’itangazo uyo muhari washize ahabona kuri uyu musi wa mbere, bavuga ko abasirikare 600 b’Uburundi baherutse kurungikwa muri Congo kugira bagwanye imihari yitwaje ibigwanisho biyongera ku bandi bari muri ico gihugu basanzwe bahanganye n’umugwi Red Tabara haraciye igihe. Uyo muhari usaba abarongoye ama leta agize akarere k’ubuseruko kwemera ingaruka zose zishobora gushika kuva hemejwe irungikwa ry’abasirikare b’Uburundi kuja mu karere ka Kivu ka Congo. Umuhari Red Tabara basozera itangazo ryabo basaba akarere ka Africa y’ubuseruko, Ubumwe ba Afrika n’ishirahamwe ONU kugondoza leta ya CNDD-FDD kwemera ibiganiro bihuza impande zose zegwa n’ingorane mu Burundi, kugira habe amatora atekanye atuma Uburundi buronka amahoro.
VI. Ibitabo vyababa 150 vyaraturiwe kw’ishure shingiro rya Kibumbu muri komine Mbuye intara ya Muramvya, umunyezamu wo kuri iryo shure akaba ubu ari mu minwe y’inyamiramabi kuva kuri uyu w’Imana ku mvo z’amatohoza.
VII. Imyidogo y’abanyagihugu ku bijanye n’ikena ry’ifumbire yatorewe umuti. Ivyo n’ibishikirizwa n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide Rurema aho avuga ko gushika ku munsi wa gatanu abanyagihugu bazoba bamaze kuronka ifumbire yabo. Deo Guide Rurema akaba yabivuze mu nama yagiranye n’abarongoye ibisata bitandukanye mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, aho avuga ko ifumbire iza yarashitse mu bisata bijejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara.
VIII. Kuva kuri uyu w’Imana uheze, impunzi zizokora ubugeni mw’ikambi ya Nduta zizokwandikwa mu gitabu c’amategeko agenga abubakanye mu gihugu ca Tanzaniya. Impunzi zikaba zibishima kuko bari bamaze imyaka indwi hibonekeza abubakana bidakurikije amategeko. Ivyo vyatuma hibonekeza ingorane hagati y’abubakanye mu gihe bashatse kwahukana, izo ngorane zikaba zigira n’ingaruka mbi ku bana baba bibarutse.
IX. Kuri uyu w’Imana ni ho hasozerwa inkino za playoffs mu mupira w’amaboko Volleyball. Imigwi Rukinzo mu bagabo na Muzinga mu bigeme ni yo yatahukanye ibikombe. Mu mupira w’amaguru, inkino zirabandanya mw’ihiganwa Primus Ligue aho gushika ubu Bumamuru ariyo iri kw’isonga ry’ihiganwa.