Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/08/2022

Publié le 23 août 2022 par Rédaction
I. Ibura ry’ibitoro vyatumye ibiciro biduga ku rugero rudasanzwe mu gisagara ca Ngozi. Itike yo kwiyunguruza yadugijwe incuro zitatu, ibiciro vy’ibindi bidandazwa vya nkenerwa na vyo biraduga. Abafise abana biga, babona ko bizobagora kubarungika ku mashure.
II. Imyidogo ni myinshi mu borozi bo muri komine ya Gatara iri mu ntara ya Kayanza. Bavugako muri kino gihe bari mu bukene budasanzwe kuko badashobora gushora ibitungwa vyabo, kandi ariho bahora bakura uburaro n’uburamuko. Basabako amasoko y’ibitungwa yosubira kwugururwa, maze amafranga bakuyemwo akabafasha kwikenura mu bindi bakeneye.
III. Haraheze amezi arenga 3 ata muyagankuba uboneka ku mugwa mukuru wa komine ya Gasorwe y’intara ya Muyinga. Abanyagihugu baba ku mugwa mukuru w’iyo komine na cane cane abadandaza bakora ibikorwa bikenera umuyangankuba, bari mu mubabaro inyuma yo kumara ico gihe ata muyagankuba. Bamwe muri abo badandaza bamenyesha ko igihombo ari kinini cane. Basaba inama ya komine Gasorwe kubashikira imbere kugira ngo umuyagankuba usubire kuboneka nk’ukwo vyahora.
IV. Urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zihagarariwe n’umufundi w’indimo muri komine Ngozi, biriwe barapima kuri uwu wa mbere itongo riri ku mutumba wa Nyanza, zone Mugomera yo muri komine n’intara ya Ngozi ryegukira umurimyi yitwa Charles Mbonankira. Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi yategetse ko iryo tongo yoryakwa rikaja muri koperative Sangwe.
V. Inyuma y’ukwezi kurenga abajejwe intwaro bafashe ingingo y’ukwirukana abasegereza, n’ubu baracibonekeza hirya no hino mu gisagara ca Kayanza, naho biboneka ko bagabanutse. Benshi bakavuga ko ingingo ibuza gusegereza bayizi ngo ariko batagiye mw’ibarabara nta kundi bobaho. Bagasaba abajejwe intwaro kubaronsa udutahe dutoduto kugira biyungunganye. Ivyo biri uko mu gihe no mu zindi ntara havugwa abana basegereza, nko mu ntara ya Muyinga, aho abana bo mw’ibarabara basaba leta kubafasha mu kubaha umutahe muto muto bashobore kwibeshaho.
VI. Ubukene no gufatwa nabi, biri mu bituma abana bo mw’ibarabara biyongera. Bivugwa n’umuhinga mu vy’inyifato Ernest Nkurunziza. Mu kwezi kw’indwi guheze, leta yarafashe ingingo yo gukura mw’ibarabara abana n’abakuze basegereza. Ariko vyabaye impfagusa kuko benshi muri abo bana basubiye mw’ibarabara. Kubwa Ernest Nkurunziza, ingingo zirimwo agahato n’igikenye zonyene ntizishobora kugondoza abo bana guheba kuja gutega amashi.
VII. Kugira ngo leta itorere umuti nyawo ico kibazo, yategerezwa gushiraho ibintu vyotuma isubizwa mu buzima busanzwe ry’abo bana rigenda neza. Ernest Nkurunziza, umuhinga mu vy’inyifato, akaba ari no mu baharanira agateka ka zina muntu.

Ibindi bisa n'ibi