Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/08/2022

Publié le 26 août 2022 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umukenyezi yitwa Miburo Astérie yari afise imyaka iri hagati ya 35 na 40 catowe ejo ku musi wa kane mu ruzi Nyakijima ku musozi wa Gisagara na komine Ngozi, mu ntara ya Ngozi. Uwo mukenyezi yari uwo ku musozi Mwungere, zone Mivo na komine Ngozi nyene. Nk’uko bishikirizwa n’abajejwe intwaro, uwo mukenyezi ngo biboneka ko yishwe kuko kuri ico kiziga haboneka ibikomere vyinshi mw’izosi, ariko abakoze ico kibi ngo ntibaramenyekana. Ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, ngo ni ho yaganduka ku mugabo wiwe. Mu babanyi biwe bakavuga ko batazi ico yazize ngo kuko yari abanye neza n’abandi ariko hakaba n’abibaza ko yoba yazize amatati yo mu muryango. Amatohoza ngo akaba ariko arakorwa kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane.
II. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye amenyesheje ko hari umugwi w’abantu banyegeza igitoro ngo baheze batere imigumuko mu gihugu, nk’ukwo vyabaye mu mwaka wa 2015. Aca agirako avuga ko mu ndongozi agiye gushiraho abasubirizi bamaho, nkuko biri mu mugwi w’umupira w’amaguru. Ivyo akaba yabivuze mu gikorane co gusenga gitunganywa n’umugambwe CNDD-FDD, ku misi ya kane isozera ukwezi. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’abatavuga rumwe na leta y’Uburundi, CFOR-Arusha, akaba yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, avuga ko iyo mvugo idatomoye ahubwo irimwo ibihushane, agasaba nyabuna umukuru w’igihugu gutomora neza na neza aho ikibazo kiri n’abagitera, hanyuma agire n’ico yijeje abarundi.
III. Imyaka 17 irarumanye uyu musi umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Uyo mugambwe wahoze ari umuhari ugwana ukaba wasinye amasezerano y’i Arusha yo guhagarika intambara mu mwaka wa 2003. Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe yamenyesheje mu gikorane c’uyo mugambwe kuri uyu wa kane ko ubu hageze ko bitwa imbonerakure bikwiye. Ahamagarira abanywanyi ba CNDD-FDD kubaka amazina yabo aho bari hose.
IV. Igihugu c’Uburundi ngo kimaze imyaka 17 kiri mu marushwa aterwa n’akagwi gatwara igihugu kitwaje ubwicanyi be n’ubunyonyezi. Uko ni ko bishikirizwa n’urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Vital Nshimirimana arurongoye avuga ko izina igihugu gifise mu makungu uno musi ridahesha icubahiro abarundi kuko Uburundi buza ubwa mbere mu bihugu bikenye kw’isi, umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ukaba ari wo upfukamye mu nda abarundi.
V. Imyidogo ni yose ku basirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somaliya. Abo basirikare bakavuga ko hariho ubusuma bwenyuje uravye amafranga bahembwa ingene angana biturutse ku kungene idorari rivunjwa. Abo basirikare bagafatira ku gahembo k’amezi abiri baheruka kuronka, aho idorari mw’ibanki nkuru y’igihugu ryavunjwa amafranga 2030 ariko bobo mu guhembwa bakaba baharuriwe ku 1950. Bavuga ko ari ubusuma bukorwa n’ababarongoye.
VI. Uwurongoye igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe impunzi HCR asaba Leta ya Tanzaniya kwugurura amasoko yugawe mu makambi y’impunzi, hamwe no kurekura amakinga n’ama pikipiki vyunguruza abantu gukora. Philippo Grandi yabishikirije kuri uyu wa kane igihe yari yagendeye impunzi mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu, mu gihugu ca Tanzaniya. Yavuze ko arajwe ishinga n’ingorane impunzi zirimwo, ariko ko azegera abo bakorana mu ntumbero yo gutorera inyishu ingorane zimwe zimwe z’izo mpunzi.
VII. Impunzi z’abarundi ziba muri iyo kambi y’i Nyarugusu zirashimira uwo mu komiseri mukuru w’ishirahamwe riraba ivy’impunzi, zikizigira ko abategetsi b’igihugu ca Tanzaniya bazoshira mu ngiro ivyo yabasavye. Baranegura ariko ingene batahawe akaryo yo kumwibwirira amaso mu yandi ibibazo nkoramutima bizihanze. Basaba cane cane ko boshirwa mu kindi kibanza, aho bashobora kwubahirizwa mu gateka kabo.

Ibindi bisa n'ibi