Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/08/2022

Publié le 31 août 2022 par Rédaction
I. Barasaba ko ubutungane butunganiriza umuryango w’umutamakazi w’imyaka 58 yitwa Tereza Nabashengezi, yitavye Imana ku musozi Mugendo komine Ntega mu ntara ya Kirundo. Uwo mutamakazi yitavye Imana kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro, yaraye agonzwe n’ipikipiki yunguruza abantu. Abanyagihugu bagerageje gufata iyo pikipiki ifise nomero G A 4470, barakubiswe barashaya kw’itegeko ry’umukuru w’agacimbiri ka Rugazi yitwa Nkurunziza, ari kumwe n’imbonerakure kubera igiturire izo mbonerakure zahawe.
II. Bamwe mu bavyeyi bo mu ntara ya Rumonge bafise abana buca batangura umwaka w’ishure bavuga ko batorohewe. Izimba ry’ibikoresho vy’ishure, ubukene mu miryango, iduga ry’itike ryo kwiyunguruza ni bimwe mu bibazo bavuga ko bibahanze. Bakaba bamenyesha ko batabona ukwo buca babikika.
III. Ingingo yafashwe n’abajejwe intwaro muri komine Muyinga yo kugara utuzu two kudandarizamwo be n’udusoko dutoduto bacururizamwo ibifungurwa, yakiriwe nabi. Abo badandaza bakaba babarungika mu bibanza vyo mu masoko mashasha ya Cibari na Mukoni. Bamwe n’abandi baganiriye na radiyo Inzamba bavuga ko ata mvo n’imwe yumvikana yo kubarungika kudandariza muri ayo masoko kuko aho bakorera ataco bonona. Ivyo mbere bikiyamirizwa n’abaguzi babonako bizobakorako mu gusumira kure.
IV. Haraciye hafi indwi yose ata wuzi irengero ry’umunyabigega w’ishirahamwe ry’ukuziganya n’ukuguranana COOPEC ryo muri komine Kabarore. Bikavugwa ko iryo shirahamwe abarijejwe basanze ryibwe amafranga ashika hafi imiriyoni mirongo ine. Abajejwe ubugenduzi bw’ama COOPEC mu ntara z’uburaruko bakavuga ko amatohoza kuri ubwo busuma yatanguye, uwo na we yahora ayiramutswa akaba riko araronderwa.
V. Umugwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko Handball waraye utsinzwe impaga kuri uno wa kabiri mu nkino zihuza ibihugu vya Afrika, ziriko zibera mu gihugu c’Urwanda. Imvo n’ukwo uyo mugwi w’Uburundi utari bwashike ku kibuga ca BK ARENA aho wari witezwe gukina n’umugwi w’igihugu ca Maroc.

Ibindi bisa n'ibi