I. Imvura y’igihuhusi yaguye ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu muri zone ya Kabuye na komine Kayanza, yarononye ibintu bitandukanye. Nk’uko bishikirizwa n’abajejwe intwaro muri komine Kayanza, amazu 14 yarabomotse, imirima y’ibigori, ibiraya n’ibindi biri ku buringanire bwa hegitari 29 yo mu mwonga wa Mbarara ni yo yononekaye bikomeye. Baba ababomokeweko amazu, baba abo imirima yabo yahitanywe n’iyo mvura bose bavuga ko ivyo vyago vyaraye bibasize mu kangaratete. Ababomokeweko amazu bakipfuza gusubira kuronka aho bakika umusaya, abo imirima yononekaye bakipfuza uwosubira kubaronsa imbuto n’ifumbire ngo kuko ata gikozwe, mu misi iri imbere bazokugarizwa n’ikibazo c’inzara. Abo bose hamwe, bagasaba ababishoboye co kimwe n’ubushikiranganji bujejwe gushigikirana, kubagarukirako.
II. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo mu ntara ya Gitega. Abo banyagihugu bidogera umuhanuzi wa buramatari w’iyo ntara ajejwe iterambere, Serge Sabukuze, agisibije ko yivanga mu bijanye no gutanga ibitoro, isukari n’isima ya BUCECO. Abo banyagihugu basaba ko yobogozwa agashirwa imbere y’ubutungane.
III. Bamwe mu bafise utubare mu ntara ya Makamba baridoga, biturutse ku rutonde rw’utubare tuzoza turaronswa inzoga ruheruka gusohorwa na buramatari w’iyo ntara, ibitashimishije abo bafise utubare, aho bemeza ko hagiyemwo aka mwana wa mama mu gushira abantu kuri urwo rutonde.
IV. Mu badandaza b’inzoga bamwe bamwe bo mu gisagara ca Rumonge, no mu micungararo yaho bagiriza uwuserukira ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi gutanga inzoga akoresheje amanyanga. Abo badandaza bakaba basaba abajejwe intwaro gufata ico kibazo mu minwe.
V. Abanyamitahe babiri mu bagize ibitaro Kira Hospital basanzwe baserukira umunyamitahe mukuru (majoritaire mu gifaransa) Swissmed International Ltd, baremeza mu nyandiko y’uko batanze imihoho mu mabanga yabo mu rwego nshingwantwaro rw’ivyo bitaro, babanje guterwa ubwoba n’abategetsi b’igihugu. Mw’ikete bashize ahabona kw’igenekerezo rya 16 myandagaro umwaka wa 2022, abo banyamitahe babiri bamenyesha ko ivyo bavuze, banditse canke ivyo bakoze kuva kw’igenekerezo rya 31 ntwarante, ari impfagusa, kuko babikoze bashaka gukiza agatwe. Kubw’umushingwamanza Gustave Niyonzima, ibiri muri iryo kete vyerekana ko ibijanye n’ipfungwa rya muganga Christophe Sahabo vyaranzwe n’ihonyangwa ry’amategeko.
VI. Abigisha bo ku mashure nshingiro mu ntara ya Mwaro bamaze imisi bakarihirizwa ubwenge, inyuma y’ukuronka amanota mabi mu kibazo bahawe n’ubushikiranganji bw’indero, barashira ahabona ingene uko gukarihirizwa ubwenge kuriko gukorwa nabi. Abamaze imisi itatu biga igifransa ngo baca bahabwa itegeko ko batandukira ibiharuro kandi abandi bageze kure muri ivyo biharuro. Muri ico kibazo ca leta giheruka naho, ngo hari abarimu atari bake usanga bari ku rutonde rw’abamenye kandi ata kibazo bigeze bakora.
VII. Utuzu tugize isoko yo muri zone ya 11 mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya twabomowe mu gatondo ko kuri uwu wa kane. Igipolisi ca Tanzaniya gifatanije n’abasungusungu ntibihanganiye abari bafise ama telefone ngendanwa kuko bayabatse bongera barabakubita babagiriza gufata amafoto.