Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/09/2022

Publié le 2 septembre 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yatamvye yirorera mu kibuga c’amaguru i Gitega kuri uno wa gatanu. Yari aramutse yugurura umwaka w’ubutungane. Kubera rero ata bantu na bake bari bitavye ivyo bikorwa, abategetsi b’iyo ntara baciye bategeka ko ibikorwa vyose bihagarara mu gisagara, hanyuma abantu bakaja ku kibuga. Iyo ngingo ntiyashimishije abanyagihugu. Basigurako babujijwe gukora imirimo yabo mu gihe basanzwe bugarijwe n’ubukene.
II. Agiye kurara ijoro rigira gatatu mu gasho k’inyamiramabi mu gisagara ca Bujumbura. Umuririmvyi ava mu gihugu c’Urwanda Bruce Melodie asabwa indishi y’akababaro igera ku miriyoni 30 zirenze ku zindi nk’izo yaraye atanze ku caha yagirijwe c’ubutekamutwe bise Escroquerie mu gifaransa. Abanonosoye amategeko basigura ko igipolisi ata bubasha gifise bwo gutoza indishi y’akababaro. Amakuru yahavuye adushikira avuga ko uwo muririmvyi yoba yarekuwe.
III. Imyaka indwi yo gufungwa ni co gihano sentare nkuru y’intara ya Rutana yaraye ihanishije abagabo 5. Haraheze indwi zibiri bafashwe mu gihe bari bajabukanye abana muri Tanzaniya kubakoresha ibikorwa vy’inguvu. Amakuru atangwa n’igipolisi c’Uburundi akavuga ko abo bagabo basanzwe bakorana n’abandi baturuka mu gihugu ca Tanzaniya ari na bo baheza bakakira abo bana.
IV. Abantu 18 barishwe, 24 barafatwa bidakurikije amategeko, abandi 5 na bo barasinzikarizwa ubuzima. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT Burundi gisohoka uko ukwezi gutashe. Kubwa Augustin Nimubona ajejwe gutanga amakuru muri iyo shirahamwe, urwaruka rw’imbonerakure co kimwe n’abajejwe umutekano ni bo bagirizwa ko bari inyuma y’iryo tosekazwa ry’agateka ka zina muntu. Augustin Nimubona agasaba ko ubutegetsi bwitaho umutekano w’abanyagihugu.
V. Hakwiye kujaho umugwi ugizwe n’abaserukira leta, ama syndicats n’abakoresha kugira ikibazo co gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara kironke inyishu vuba. Ivyo bisabwa n’ihuriro ry’ama syndicats y’abarimu n’abarezi mu Burundi FNASEEB. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa kane, Antoine Manuma, arongoye iryo huriro asaba y’uko ibijanye n’ugukuraho ubwo busumbasumbane vyokwisunga ubuzima buzimvye buri mu gihugu. Ari na co gituma hakwiye ibiganiro bihoraho vyiga ibijanye n’ico kibazo mu kwisunga ibihe igihugu kigezemwo.
VI. Ahandi basaba kwongererezwa agashahara ni mu basoda batobato. Bavuga ko umushahara bahembwa udashemeye. Kubera ivyo, hari abavuga ko inyuma y’imyaka 20 canke irenga bari muri ako kazi badashobora kuronka n’amafranga  yobashikana kuramutsa imiryango iyo bari mu karuhuko.  Bagasaba ko baronswa uburusho bufatiye ku bihe igihugu kigezemwo aho ubuzima bwazimye cane.

Ibindi bisa n'ibi