Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/09/2022

Publié le 3 septembre 2022 par Rédaction
I. Bamwe mu bandadaza hamwe na bamwe mu bategetsi bo hejuru barihaye uburenganzira bwo kunyegeza umwavu n’ibitoro kugira ubutunzi bw’igihugu busubire inyuma. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu, hari kuri uyu wa gatanu igihe yari mu ntara ya Gitega mu birori vyo kwugurura umwaka w’ubutungane. Yarijeje abanyagihugu ko ku bibazo vyose bijanye n’inyungu z’abanyagihugu ari we nyene ubwiwe azohora avyikwirikiranira.
II. Nta gishasha umukuru w’igihugu ariko aravuga cotuma abarundi bagira icizere c’uko agiye guhindura ibintu. Evariste Ndayishimiye ngo akora nk’uwutazi ico ajejwe ka mukuru w’igihugu. Ivyo bigasigurwa na Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB.
III. Abavyeyi bo mu bwoko bw’abatwa bo mu ntara ya Kayanza barashima ingingo y’umushikiranganji w’indero yemerera abaronse amanuta 72/200 kuzokwiga mu mashure afise indaro kandi ku buntu. Ivyo ngo bitera intege abana n’abavyeyi. Abo bavyeyi bakavuga ko bizotuma abana babo na bo batera imbere nk’abo mu bundi bwoko, kandi bazonabafasha bageze mu za bukuru. Bagasaba ariko abo bose babishoboye kubaronsa ibikoresho vy’ishure na rirya bisigaye bizimvye ku masoko, co kimwe n’ibindi vya nkenerwa bisabwa abana biga baba mu ndaro.
IV. Icizere c’uko ibintu bigiye guhinduka ku mpunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya camaze umwanya urume rumara. Inyuma y’urugendo uwurongoye ishirahamwe ishirahamwe HCR kw’isi yagize aho muri Tanzaniya, impunzi zari ziruhukije ko agatotezo kagiye guhera. Ariko kubona haciye habandanya gufatwa ingingo zo kubabuza kwironderera ivyobabeshaho, n’ihagarikwa ry’impunzi bavuga ko rihonyanga amategeko, vyaje bitwara rwose uwo mwizero urwo rugendo rwari rwagarukanye.
V. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku ngorane zihanze impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya.

Ibindi bisa n'ibi