Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/09/2022

Publié le 5 septembre 2022 par Rédaction
I. Umuryango wa Barutwanayo Pontien usaba ko ubutungane bwobatunganiriza. Barutwanayo Pontien yishwe itariki 21 Myandagaro mu 2015. Ico gihe yari musitanteri wa komine Isale mu ntara ya Bujumbura. Kuva ico gihe, abiwe bavuga ko ata cigeze gikorwa kugira abamugandaguye bafatwe. Kandi banongera bakavuga ko hari ibimenyetso bitari bike vyoshobora gufasha kugira abakoze iryo bara bafatwe. Umwe mu bo mu muryango wiwe yaganiriye na radiyo Inzamba.
II. Umukenyezi azwi kw’izina rya Diane Uwamariya yarishwe mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira ku musi w’Imana ku mutumba Nonwe wa komine Giteranyi y’intara ya Muyinga, nk’ukwo amakuru atandukanye ava aho mu Giteranyi avyemeza. Ayo makuru nyene agakekeranya ko uwo mukenyezi yoba yagandaguwe n’umugabo wiwe Sylvestre Bapfubusa, yahora yisumamwo kw’ivuriro ritoyi ry’aho i Nonwe nyene. Ikiziga ca nyakwigendera kikaba cabonywe mu nzu umuhisi yabamwo n’ababanyi, nayo Bapfubusa akekwa ko ariwe yagandaguye uwo bahora bubakanye, akaba yari yamaze gukura meza. Isoko rya Radiyo Inzamba aho ku mutumba wa Nonwe rikaba ataco ryavuze ku bijanye n’umubano wari hagati y’umuhisi Diane Uwamariya n’uwo bari bubakanye Sylvestre Bapfubusa. Ayo makuru akemeza ko igipolisi kiriko kirarondera uwo mugabo akekwa kugandagura umukenyezi wiwe.
III. Abantu batanu barishwe mu ndwi iheze mu muhingo itandukanye y’igihugu. Biri mu cegeranyo c’isekeza SOS Torture Burundi. Ico cegeranyo kirashira ahabona kandi umwigeme yafashwe ku nguvu n’umugabo arenza imyaka mirongo itanu mu ntara ya Rumonge.
IV. Agashavu karaniga mu bakozi bakora mu kigo ISTEEBU kijejwe gukora ibiharuro n’ivyigwa vyerekeye ubutunzi. Abo bakozi bavuga ko batumva ingene ibikorwa vyo kuja gukorera mu mahanga  Mission de travail mu gifaransa, bihabwa abakora mu buyobozi bonyene. Bidogera kandi umugwi w’abantu uheruka gushirwaho ngo utorere umuti ibibazo biri hagati y’abakozi n’umukoresha, bavuga ko uwo mugwi ukora uhengamiye ku buyobozi.
V. Amakenga ni menshi mu bavyeyi barereye mw’ikambi y’impunzi y’i Lusenda mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira demokarasi. Mu gihe umwaka w’ishure watanguye kuri uyu wa mbere, abo bavyeyi bafise abana biga mu mashure yisumbuye bavuga ko batabona ingene bazoriha amafranga y’ishure n’ibikoresho vy’abana, kandi ko bategerezwa kuriha ijana kw’ijana kuko igisata kijejwe impunzi HCR kitakirihira abo banyeshure.
VI. Umugwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko Handball uri mu gihugu c’Urwanda ahariko habera ihiganwa ku rwego rwa Afrika. Uyo mugwi ukaba wavyifashemwo neza, mbere uronka uburenganzira bwo kuzoja mu nkino z’isi yose. Mu mupira w’amaguru, ihiganwa ku rwego rw’igihugu rirabandanya ; Messager Ngozi ikaba gushika ubu ari yo iri mu kibanza ca mbere, naho Athletico New oil ikaza mu kibanza ca nyuma.

Ibindi bisa n'ibi