Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/09/2022

Publié le 6 septembre 2022 par Rédaction
I. Umuryango w’umunywanyi w’umugambwe CNL azwi kw’izina rya Isaïe Bayaganakandi urasaba ushimitse ko ubutungane bwokora bukarenganura uwabo. Uwo Isaïe Bayaganakandi yariko yitegurira kwubaka urwiwe, aherutse gufatwa n’imbonerakure zimwagiriza ubusuma, ziramukubita arashaya gushika naho ajanwa mu bitaro. Ivyo vyabaye mu mpera y’ukwezi guheze ku musozi wa Bugera uri muri komine n’intara ya Kirundo.
II. Abakozi ba kaminuza y’Uburundi baridogera umushikiranganji w’ikigega ca leta. Mu rwandiko baheruka gushira ahabona, bagiriza uwo mushikiranganji ko yabakuyeko agashahara kabo k’ubukukuruke. Bakamusaba gusubira kuri iyo ngingo. Bitabaye uko, bakagabisha ko bazobisaba babicishije mu zindi nzira.
III. Ishirahamwe REGIDESO riridogerwa ko ryabeshe ku giciro ca konteri z’amatara. Abagura izo konteri bavuga ko ku giciro cari camenyeshejwe c’amafaranga ibihumbi ijana na mirongo itatu (130.000), iryo shirahamwe ryongeye ko amafranga ibihumbi 80 ritabanje kubibamenyesha. Bakabona ko ari akarenganyo, na rirya batekewe n’ubukene butagira izina. Umwe mu baguzi b’izo konteri yaganiriye na radiyo Inzamba.
IV. Kazoza k’abana b’impunzi muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo co kimwe n’ak’abavyeyi babo karageramiwe. Ivyo bivugwa n’urunani CBDH-VICAR rw’abaharanira agateka ka muntu mu makambi y’impunzi yo mu karere k’ibiyaga binini. Kuva mu mwaka uheze, ishirahamwe HCR ryarakuye akarenge mu vyo kurihira ishure abanyeshure b’impunzi bo mu mashure y’isumbuye aho muri Congo. Abavyeyi babo na bo, batakamba bavuga ko HCR itabafashije batazoronka ingene bagumiza abana mw’ishure mu gihe badashobora kubarihira. Ivyo ntibihumuriza urunani CBDH-VICAR, ari naco gituma rusaba ko hogira igikorwa ngo izo mpunzi zitabweho kuruta. Léopold Sharangabo, icegera c’umukuru wa CBDH-VICAR.
V. Igihugu c’Uburundi gitahukanye ikibanza ca kane mw’ihiganwa rya Afrika ry’abadashikana imyaka 18. Ni inyuma yo gutsindwa na Maroc ku bitsindo 41 kuri 34. Kubera ico kibanza ça kane Uburundi butahukanye buciye buronka itike yo gukina igikombe c’isi kizobera muri Croatie, mu mwaka uza, gihuza abadashikana imyaka 19.

Ibindi bisa n'ibi