I. Kuri uno muhingamo wo ku musi wa kane niho haba ibisikanya ku ntebe y’umushikiranganji wa mbere hagati ya Alain Guillaume Bunyoni na Gervais Ndirakubuca agiye kumusubirira. Iryo bisikana ryamaze umwanya muto, amakuru ava ku biro vy’umushikiranganji wa mbere akamenyesha ko Alain Guillaume Bunyoni yakuwe yamaze kwakwa imiduga y’igipilisi yahora imuherekeza be n’abamucungera ubuzima bakaba baragabanuwe igitigiri.
II. Gervais Ndirakobuca atanguye amabanga yiwe mashasha y’uwurongoye leta. Ariko ntawuyobewe ko afise kahise yaranguyemwo ibitari bike. N’ibihe vyoba vyamuranze kurusha ?
III. Mu muhari INAMAHORO w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, bamenyesha ko ikurwa ry’umushikirangaji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni ryari rikwiye kubera akarorero abategetsi bose bakandamiza abanyagihugu, kuko uwutazokora neza azosubirizwa. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari abona ko iyi nzira umukuru w’igihugu atanguje ni yayibandanya ku bategetsi bose badashira imbere ineza y’igihugu, Uburundi buzoshobora gusubira kuronka agahengwe.
IV. Abarundi ntibakiriye kumwe ihindurwa ry’umushikiranganji wa mbere. Bamwe mu bavuganye na radiyo Inzamba bafise icizere ko uwuhagiye azogira ico ahinduye. Ariko abandi na bo bati ntaco tubona kigiye guhinduka, kubera yaba umushasha canke uwa kera, bose ni bamwe barangwa n’amabi masa.
V. Abarimyi b’umuceri bo mu Rukoko muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza, baridogera bulamatari w’iyo ntara kuko abatoza amafranga avuga ko ari ayo kwubaka ikibuga c’umupira c’iyo ntara. Umurimyi wese asabwa gutanga amafranga ibihumbi ijana ku murima umwe umwe, bakabona ko ari ubusuma. Bavuga ko bamaze gutanga ibihumbi 60 ku murima uzorimwa mu kiringo c’umwaka. Ngo hamwe ingingo nshasha yo gutangisha ibihumbi 100 itokwubahirizwa, nta murimyi azorima umurima wiwe.
VI. Amagorwa y’impunzi z’abarundi ziba mu gihugu ca Tanzaniya ntagiye guhera vuba. Abategetsi b’ico gihugu bazindukiye mw’ikambi y’i Nduta bagabisha ko ata kinga canke ipikipiki n’imwe izosubira kuja mw’ibarabara, guhera ku musi wa mbere uza. Ivyo bikaba bije gusongera isibe ku buzima bubi izo mpunzi zari zisanzwe zibayemwo, nk’ukwo umwe muri bo yavyiganiye Radiyo Inzamba.
VII. Kuri uno wa kane, isi yose iramutse ihimbaza umusi wahariwe gusoma n’ukwandika. Mu Burundi, mu mwaka wa 2016, abari bazi gusoma no kwandika baharurwa ku bice 68%. Kubwa Eulalie Nibizi akurikiranira hafi ibijanye n’igisata c’indero, leta y’Uburundi yategerezwa gutegekanya uko uwize wese gusoma n’ukwandika akurikiranwa. Akaronswa ibibanza asomeramwo agasubiramwo ivyo yize.