Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/09/2022

Publié le 13 septembre 2022 par Rédaction
I. Evariste Ndayishimiye yiyemeje gufashanya n’umukuru w’igihugu mushasha wa Kenya. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabishikirije kuri uno wa kabiri mu birori vyo kurahira kwa William Ruto i Nairobi. Evariste Ndayishimiye akaba yabivuze nk’umukuru w’igihugu c’Uburundi, anarongoye umuryango w’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.
II. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze igihe mu mvugo ziwe yagiriza bamwe mu ndongozi ivyaha bikomeye, harimwo ivyo gutembagaza ubutegetsi no kwica abarundi. Ariko rero naho adasiba kuvuga ivyo bagirizwa, ntawurabona abaheza ngo bakurikiranwe imbere y’ubutungane kuri ivyo vyaha. Radiyo Inzamba turagaruka kuri bimwe mu vyo aherutse kwagiriza abo arongoye.
III. Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bategerezwa gukurwa mu mabanga yabo yose mu gihugu, bagahanwa bikwiye kugira n’uwo wese yipfuza guhungabanya inzego z’igihugu agire ico atinya. Bishikirizwa na Vital Nshimirimana yahoze arongoye sendika y’abacamanza SYMABU. Ku bwiwe, ivyo umukuru w’igihugu yashikirije birakomeye ku buryo umushikirizamanza kizigenza wa Republika yategerezwa guca ahagarika abo bantu, amatohoza agatangura.
IV. Amatora y’abahuza bo ku mitumba ngo nta kindi agamije atari uko umugambwe CNDD-FDD ushaka kwigarurira urwego rwahora rwigenga mu gutatura amatati, rukaba urwego rwegukira umugambwe kugira rucinyize abatari mu mugambwe uri ku butegetsi. Ivyo bishikirizwa na Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB, inyuma yaho imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi imenyeshereje ko yakumiriwe muri ayo matora yabaye kuri uno wa mbere. Ku bwiwe ngo ingaruka n’ukwo abanyagihugu benshi batazokwiyumvamwo abagize urwo rwego.
V. Abashurashuza abanyeshure bigisha bakwiye kuza barashengezwa mu butungane. Bivugwa na Eulalie Nibizi, umuvyeyi akaba ari no mu baharanira agateka ko kwiga kuri bose. Abivuze inyuma yaho hari abavyeyi bo mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu muri Tanzaniya berekaniye umubabaro bafise bivuye ku kudahana bamwe mu bigisha, bemerera bamwe mu banyeshure kubaha amanota babanje kubashurashuza. Eulalie Nibizi akerekana ko kubona abategetsi mu vy’indero bemera ko bahana abagira ubwo bubisha mu kubirukana mu kazi, bidakwiye kugira butuzwe. Ku bwiwe, igikurikira n’ukubashikiriza ubutungane kugira bakingire n’abandi bana bitarashikira.
VI. Imodoka 16 zunguruza abantu zo mu bwoko bwa Probox, Hiace, coaster, na Agence Air Ponctuel ni zo zamenyekanye mu zikorera Gitega-Bujumbura, ko zaciwe ihadabu kuva ku mugoroba wo ku munsi w’Imana, kubera kudugirizako itike abakiliya. Ni inyuma y’imyidogo myinshi y’abanyagihugu bariko bajana bongera barungika abana babo ku mashure. Abiyunguruza bakaba barihishwa hagati y’amafranga ibihumbi 15 n’ibihumbi 30. Abunguruza abantu muri probox bakaba basabwa kurihisha amafranga 10, Hiace na Agence nazo, amafranga ibihumbi 8.  Abari badugirijweko itike bakaba bahavuye basubizwa amafranga yabo, ingingo yabashimishije.

Ibindi bisa n'ibi