Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/09/2022

Publié le 14 septembre 2022 par Rédaction
I. Agashavu ni kenshi mu ndongozi z’umugambwe CNL, inyuma yaho inama nshingamateka y’Uburundi itoye kuri uno wa gatatu, amazina mashasha y’abagiye gusubirira abashingamateka baserukira Uburundi mu nama nshingamateka igize umuryango w’akarere ka afrika y’ubuseruko. Umushingamateka umwe rudende ni we yazananye mu mugambwe CNL mu gihe CNDD-FDD yaserukiwe n’abagera kuri batandatu, Uprona umwe hamwe n’uwundi yaserukiye ubwoko bw’abatwa. Umugwi w’inama nshingamateka wa CNL urongowe na Agathon Rwasa waneguye ko amazina y’abahavuye bemezwa yagizwe ikinyegezwa.
II. Ikurwaho ry’urwego ry’abashingantahe, ribandanya rituma abatari bake muri politike bagira ico barivuzeko. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha, ngo biciye mu bahuza bashasha bo ku mitumba, umugambwe CNDD-FDD wiyongeye ubundi butegetsi mu bijanye no gutatura amatati, uwundi mukenyuro wo kubandanya gucinyiza abatari mu mugambwe uri ku butegetsi.
III. Umugabo azwi kw’izina rya David Hagabiyaremye aba ku murwa mukuru w’intara ya Bubanza agwariye mu bitaro vy’iyo ntara kuva ku musi w’Imana. N’inyuma yaho akubiswe n’igipolisi arashaya, kw’itegeko ry’umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara. Abo mu muryango wiwe bariyamiriza ako karenganyo uwabo yakorewe, bagasabako ubutungane bwokora.
IV. Imiryango igera ku 140 nta muzibukiro iraronka kuva mu mwaka wa 2021 mu ntara ya Rumonge. Abo n’abanyagihugu bononewe imirima bo mu gacimbiri Muhishirizi, umutumba Karambi muri komine Buyengero. Bakaba bagiriza ishirahamwe ORASCOM ryubaka urugomero rw’umuyagankuba Jiji-Murembwe ku bicisha ikigoyi mu kubima imizibukiro ku vyabo vyononekaye hariko hubakwa ibarabara rija kuri urwo rugomero.
V. Icizere ku banywanyi b’ishirahamwe REGIDESO baba ku mugwa mukuru wa komine Gasorwe y’intara ya Muyinga, co gusubira kuronka amatara ngo caraheze, naho umushikiranganji Ibrahim Uwizeye ajejwe ubushikiranganji burimwo umuyagankuba, yaheruka gutegeka umuyobozi ajejwe igisata c’amatara mw’ishirahamwe REGISESO gutorera inyishu ico kibazo. Bamwe mu bari mu kizime mu kiringo c’amezi ashika 4 bakavuga ko uruhumbo ruturutse ku kubura amatara rubandanya kuba runini. Bagasaba ko imvugo y’umushikiranganji yojana n’ingiro.

Ibindi bisa n'ibi