I. Kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2021, igisata c’iyungururizo ca sentare y’ibihugu bigize umuryango wa afrika y’ubuseruko yaraciye urubanza, aho yerekanye ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ryahonyanzwe mu kwemeza ikiringo kigira gatatu c’umuhisi President Petero Nkurunziza, bikozwe na sentare y’Uburundi ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Iyo ngingo ya sentare ya EAC ntiyigeze ishirwa ahabona kuva ico gihe. Kubw’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, iyo ngingo ije kwerekana neza abataye Uburundi mu manga amakungu asemerera.
II. Kubwa Tasiano Sibomana, umunyapolitike akaba yaranonosoye n’amategeko, asigura ko iyo ngingo ya sentare ya EAC ikwiye gushoka ija mu ngiro, abazize bose ico kiringo kigira gatatu kitubahirije ibwirizwa nshingiro, yaba abapfunzwe, ababuze ababo canke abari ku mitahe y’ubutungane kubera iyo mvo, boca barenganurwa.
III. Itanga ry’imihoho rya Muganga Christophe Sahabo yari arongoye Kira Hospital ntaco rivuze kuko yabikoze ku gahato n’igitsure. Biri mu cegeranyo c’inama yagizwe kw’igenekerezo rya 8 kuno kwezi, inama yagizwe n’abafise imitahe mu bitaro Kira. Abari bitavye iyo nama, baremeje ko uwo muganga agumana agateka ko kurongora ivyo bitaro. Abatanze imihoho bose ku gitsure, abari bitavye iyo nama, barabasubije agateka ko gusubira mu mabanga yabo.
IV. Inyuma y’iyo nama y’abanyamitahe b’ivyo bitaro Kira, Christophe Sahabo yotegerejwe guca atezurirwa ata kindi gisabwe. Uwo n’umuco w’umushingwamanza Gustave Niyonzima akurikiranira hafi iyo dosiye. Ku bwa Gustave Niyonzima, ivyizwe n’abanyamitahe ntibiharirizwa, na cane cane ko babicishije ku wemeza ko ivyakozwe n’abo banyamitahe vyubahirije amategeko.
V. Abakozi batatu b’ibitaro vyo mu Musema muri komine Butaganzwa mu ntara ya Kayanza, harimwo n’umuyobozi w’ivyo bitaro, bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi yo mu Kayanza. Inkuru ziva aho ku bitaro vya Musema akavuga ko boba bagirizwa inyuruzwa ry’amafranga yababa imiliyoni ijana na mirongo itanu. Mu gipolisi bakavuga ko amatohoza akibandanya.
VI. Abagizi ba nabi bataramenyekana barivye ibintu vyinshi bitandukanye kw’ishure ryisumbuye ETG Muyinga, riri ku mutumba Mukoni, muri komine n’intara ya Muyinga mw’ijoro ryo ku wa gatatu rishira uwa kane, nk’ukwo amakuru ava kuri iryo shure abimenyesha. Mu bikoresho vyibwe, harimwo ivyuma vy’umuziki vy’iryo shure, hamwe n’ibikoresho vy’abanyeshure bigizwe n’amasakoshi y’abana bari batse indaro muri ico kigo, bitegurira kuja kwiga ku rindi shure. Ayo masakoshi akaba yarimwo, amakaye, impuzu n’utundi twa nkenerwa.
VII. Imyidogo ni myinshi kuri bamwe mu bavyeyi bafise abana batagishika kw’ishure ku gihe, kubera ibibazo vyo kwiyunguruza. Bamwe mu bavyeyi bavuganye na Radiyo Inzamba bavuga ko kubera ubukene bw’igitoro bari barahaye abana amakinga yo kwiyunguruza, ariko leta ikaba yarayabujije kuja mw’ibarabara. Abo bavyeyi basaba umukuru w’igihugu gutorera inyishu irama ico kibazo cabo.
VIII. Ibidandazwa bifise agaciro k’imiliyoni 18 ni vyo vyaraye bihiriye mu tuzu tubiri tw’idandarizo turi hagati y’amabarabara ya 5 n’irya 6 muri quartier ya gatatu ya zone Bwiza, ni muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Ba nyene utwo tuzu bavuga ko uwo mucanwa woba waturutse ku muyagankuba wa Regideso. Bamenyesha kandi ko n’imodoka y’igipolisi yaje kuzimya iteba. Bagasaba ko boronswa inshumbusho kuko batabona uko bagiye kubaho. Mwomenya ko utwo tuzu twahiye, kamwe bakadandarizamwo ibintu vyo muri boutique, akandi na ko kakaba kadandarizwamwo impuzu z’abakenyezi n’abigeme.