Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/09/2022

Publié le 21 septembre 2022 par Rédaction
I. Umwe mu banyonga ipikipiki mu gisagara ca Rumonge yarabuzwe irengero kuva kuri uyu wa kabiri. Amakuru dukura aho muri ico gisagara yemeza ko abatwara amapikipiki bakiyamira itotezwa bariko barakorerwa n’igipolisi gifashijwe n’abajejwe intwaro muri iyo ntara.
II. Ikibanza co kudandarizamwo imiti bita Pharmacie cubatswe n’imvukira ku mutumba wa Gitwenzi uri muri komine ya Ntega, mu ntara ya Kirundo, gishobora gusenyurwa umwanya uwari wo wose. Hari akagwi k’imbonerakure bivugwako gafise uwo mugambi wo gufuta iyo Pharmacie. Zikagiriza benshi muri izo mvukira basanzwe bari mu mugambwe CNL kutitaba ibikorwa vy’umugambwe uri ku butegetsi. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba bakaba biyamiriza iyo ngendo y’izo mbonerakure zidatahura ivyerekeye iterambere ku mutumba wazo.
III. Uwurongoye ubuyobozi bw’indero muri komine Nyanza-lac intara ya Makamba, aragirizwa kuba yaranyuruje kuri uyu wa mbere amakaye agenewe abanyeshure bo mu mashure shingiro. Ibikoresho vyatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF ryitaho abana. Uwo adomwako urutoke arahakana yivuye inyuma ivyo yagirizwa.
IV. Abarondera ibitoro vyo mu bwoko bwa essence mu ntara ya Bururi ntibagira ayo bacira n’ayo bamira. Bavuga ko igitoro gishitse gihabwa abatagira ivyuma, kigashirwa mu ma bido. Abo bakaba ari bo baca baja kukigurisha kuri magendo nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu. Abo bakenera igitoro badoma urutoke ku bajejwe intwaro, umutekano hamwe na bene ama stations kugira urunani muri ubwo bubisha. Basaba ishirahamwe Regideso rigurisha ibitoro gufata mu minwe ico kibazo.
V. Ubukene bw’igitoro na cane cane co mu bwoko bwa essence burabandanya kwibonekeza mu ntara ya Muyinga, aho haheze imisi 5 ata n’ima rimwe rikoroka ku bituro 6 vy’igitoro biharugwa muri iyo ntara. Nk’uko bamwe mu bakoresha ico gitoro babimenyesha, ingaruka mbi ku buzima bw’abanyagihugu zifatiye kw’ibura ry’ibitoro nko mu igisata co kwiyunguruza canke ibiciro vy’ibifungurwa zikaba zibandanya kwigaragaza.
VI. Imyidogo ni myinshi muri bamwe mu banyagihugu bo mu Buterere ya 2 muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Bavuga ko mw’itangwa ry’imisegetera ryabaye kuri uyu wa kabiri habayemwo ka mwana wa mama. Abo banyagihugu bavuga ko batashe zirayoye, kuko bamwe mu mbonerakure batwara imifuko yuzuye imisegetera bavuga ko ari ababatumye. Ivyo bakabona ko ari uruyeri kuko atawemerewe gutorera uwundi, kiretse uwugwaye. Basaba ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira ico bufashije kugira ngo baronke bose.
VII. Abanyagihugu bo mu gace ka Gitaramuka na Gikoto muri zone ya Musaga barabangamiwe n’isuku rike, riva ku misarani itagishobora gukoreshwa. Umuhinga Come Konakuze yanonosoye ibijanye n’indwara z’ibiza, asigura ko ivyo vyatewe n’ihindagurika ry’ibihe. Akavuga ko ico ari ikibazo leta be n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bakwiye guhagurukira vuba bwango, bakazitira indwara ziva kw’isuku rike.

Ibindi bisa n'ibi