Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/09/2022

Publié le 22 septembre 2022 par Rédaction
I. Ikiziga c’umuntu w’umugabo azwi kw’izina rya Ezéchiel Ntamasambiro caratowe ku muhingamo wo ku munsi wa gatatu, ku mutumba na komine Buhinyuza mu micungararo y’ibiro vy’iyo komine, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro aho i Buhinyuza mu ntara ya Muyinga, avyemeza. Uwo mugabo akaba yaramaze imisi itatu abuzwe irengero nk’ukwo ayo makuru avyemeza. Imvo z’urwo rupfu rwa Ezéchiel zikaba zitarashobora kumenyekana. Amakuru ava mu ikibano c’umuhisi, avuga ko yoba yikekwa kuba umurozi. Igipolisi kikaba cabaye kirahagarika umukenyezi wa nyakwigendera, ku mvo z’amatohoza.
II. Buramatari w’intara ya Rutana hamwe n’uwurongoye iperereza, bariko baragirwako amatohoza n’ubutungane muri iyo ntara. Bagirizwa guhohotera umunyagihugu wo ku mugwa mukuru w’iyo ntara yashatse gutabariza uwundi munyagihugu yari yahagaritswe n’abo bategetsi, ahorwa kuba bamubonanye igitoro ca mazout mu ma bidon, igitoro yaragiye gushira mu muduga wiwe. Abanyagihugu baho basaba y’ukwo hoba amatohoza y’ukuri, uwagiwe n’icaha akabihanirwa.
III. Akandi kamo ko gusaba kurekura umushingwamanza Tony Germain Nkina. Gaterwa n’ishirahamwe Human Rights Watch rivunira akagohe abategetsi b’Uburundi ngo berekane koko ko bipfuza guhindura ibintu mu kumurekura. Ku bwa Clémentine Montjoye, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, mu gisata ca Afrika, Tony Germain Nkina apfunzwe azira ubusa. Tony Germain Nkina yagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Akaba yaciriwe umunyororo w’imyaka itanu. Ariko abaharanira agateka ka zina muntu bo bakabona ko ahorwa ko yakoranye n’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abanyororo.
IV. Umuyobozi w’indero muri komine Mutaho intara ya Gitega aragirizwa kurya igiturire mw’ikorwa ry’ikibazo c’ukuraba ubumenyi bw’umwarimu wese, ikibazo cabaye ku wa Mungu uheze. Amakuru ava mu barimu, amenyesha ko hari abarimu boba barahawe uburenganzira bwo gusubiramwo ikibazo mw’ibanga, ngo babanje kumupfumbatisha amafranga agera ku bihumbi 600. Ikindi ngo ariko aha akazi abigisha baronse amanota make.
V. Mw’ikambi y’impunzi ya Mulongwe, abana b’impunzi ntibategerezwa kugwa mu mporero mu kutumvikana hagati ya HCR na leta y’ico gihugu. Ivyo bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’abaharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi. Aho n’inyuma y’aho abo bana birukanywe mu mashure bigamwo, kuva ku musi wa mbere iyi ndwi. Kuri we, ivyo bikaba bibabaje na rirya basanze bakuru babo biga mu mashuri yisumbuye muhira bamaze umwaka urenga birukanywe. Igituma kikaba ari uko batarishe amafranga y’ishuri asanzwe atangwa na HCR.
VI. Amakarato arenga 470 agizwe n’inzoga zitandukanye be n’ama fanta zihingurwa n’uruganda Brarudi, ni zo zaraye zifashwe n’igipolisi ku mutumba Kwibuye mu micungararo y’umurwa mukuru w’intara ya Muyinga. Zikaba zari zinyegeje mu nzu y’uwitwa Asman Macumi, nk’ukwo amakuru atandukanye avyemeza. Izo nzoga zikaba zaciye zijanwa muri commissariat y’igipolisi y’intara, ayandi makarato y’ama fanta nayo yugaranirwa mu nzu kwa Macumi, igipolisi gitwara imfunguruzo.

Ibindi bisa n'ibi