Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/09/2022

Publié le 28 septembre 2022 par Rédaction
I. Umushingwamanza Sandra Ndayizeye na Etienne Sahabo basubiye kumvirizwa kuri uyu wa gatatu, inyuma yo kurara ijoro ryabo rya mbere mu gasho ka zone ya Kinindo, inyuma y’igihe kinini bariko barumvirizwa. Umushingwamanza Ndayizeye yoba azira ko yarahejeje gushikiriza ibirego umushikirizamanza wa parquet ikukira sentare nkuru ya Muha, arega muganga gukoresha impapuro zitarizo mu gihe Dr Christophe Sahabo yatanga imihoho, kandi afungiwe mw’iperereza. Etienne Sahabo na we yisiguye ku bijanye n’ingene yaserukiye Dr Christophe Sahabo mu nama y’abafise imitahe bose muri Kira Hospital.
II. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize avuga ko kubona umushingwamanza Sandra Ndayizeye ahorwa akazi kiwe ko gutunganiriza uwo aburanira, ari ikimenyetso c’uko ubutungane mu Burundi butigenga na gato. Ku bwiwe leta ishaka gutera ubwoba uwo wese yubahutse gushira ahabona ibitagenda neza. Me Dieudonné Bashirahishize asaba amakungu gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi.
III. Imyidogo ni myinshi mu bakozi b’ishirahamwe Lydia Ludic Burundi bakorera mu ma Casino. Bariko birukanwa mu kazi n’umukoresha mushasha, hatisunzwe amategeko, inyuma yaho leta yugariye iryo shirahamwe. Uwariguze mushasha ngo ntariko arakora ivyo yiyemeje mu kugarukana abakozi bari barirukanywe, n’ukubaha ibirarane vy’imishahara yabo. Ivyo vyose uwuri inyuma yavyo ngo yoba ari umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi muri iryo shirahamwe.
IV. Uwahora ari umuyobozi w’ishure Lycée Communal Nyakabiga uyu musi arongoye igisata c’indero muri komine Mukaza, aridogerwa n’abavyeyi hamwe n’abakozi bo kuri iryo shure, ko yatoje amafranga abanyeshure agenewe kwubaka utuzu twa surwumwe, ntiyaheza ngo ayubakishe. Mu nama y’abavyeyi iherutse, abagize ngo barabaza ico ayo mafaranga yakoreshejwe, bahawe inyishu itabereye umurongozi. Basaba abarongoye igisagara ca Bujumbura kwishikira kuri iryo shure kugira ico kibazo gitorerwe inyishu.
V. Abanyagihugu baba aho bita quartier Swahili no mu micungararo yaho mu gisagara ca Muyinga, mu ntara ya Muyinga, baridogera ishirahamwe ritanga umuyagankuba n’amazi REGIDESO ko ribamajije ikiringo cababa indwi 3 bari mu kizime. Abikorera utwabo na bo bakenera umuyagankuba, bakavuga ko uruhombo ari runini, kuko bahagaritse ibikorwa vyari bibatungiye imiryango. Ababa muri utwo duce turangwamwo ikizime, basaba ko ishirahamwe REGIDESO ryobaronsa umuyagankuba kugira ngo ntibagwe mu miryango.
VI. Abagabo batandatu bo ku musozi Mpfunda, komine Muruta n’intara ya Kayanza, barapfunzwe kuva kuri uwu wa kabiri, muri komisariya y’igipolisi mu Kayanza. Bakaba bagirizwa kuba kuri uwo musi nyene barishe igikoko co mu bwoko bw’imamfu, mu ruhigi bariko barakora mw’ishamba cimeza rya Kibira, batako barakibaga. Abajejwe gukingira ibidukikije bagasaba abanyagihugu kwifatanya n’abajejwe umutekano, mu kurwanya ababihungabanya na cane cane abagira uruhigi rw’ivyo bikoko.

Ibindi bisa n'ibi