I. Kuri uno muhingamo, Dr Sahabo Christophe yungururijwe mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Ruyigi, bikozwe n’abakozi b’iperereza. Ibiteye amakenga bamwe mu basanzwe bakurikiranira hafi dossier yiwe. Ku bw’umushingwamanza Gustave Niyonzima, ngo iyimurwa ryiwe riteye kubiri n’amategeko, akabona ko iyo ngingo ata kindi igamije atari ukumwegeza kure yaho asanzwe aburanira. Gustave Niyonzima akanegura kandi ko amaze hafi amezi atandatu afunzwe, ariko urubanza rutarajanwa mw’ido n’ido.
II. Ku musi ugira 182 Muganga Christophe Sahabo yahoze arongoye ibitaro kira Hospital amaze apfunzwe, yarungitswe mw’ibohero rya Ruyigi akuwe mu ya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura. Ipfungwa rya Muganga Christophe Sahabo rikaba ryibonekeza ko ryategetswe n’ibihangange mu mugambwe CNDD-FDD, kw’isonga hakaza umukuru w’igihugu ubwiwe. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co ku wa 10 Rusama uyu mwaka, Evariste Ndayishimiye yaremanze ko iyo aba umucamanza aba yaramaze gushikana mu mvuto muganga Christophe Sahabo amwagiriza inyuruzwa ry’amafranga ya leta.
III. Umushikirizamanza kizigenza wa Republika nawe mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno mugoroba, aragiriza abitavye inama y’urwego nshingwantwaro yakoranye y’ibitaro Kira, italiki 8 za kuno kwezi. Sylvestre Nyandwi avuga ko abatunganije iyo nama ata bubasha babifitiye, kandi ko icegeranyo cayo gihushanye n’amategeko.
IV. Umuhari INAMAHORO, w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, urasaba irekurwa ry’umushingwamanza Sandra Ndayizeye n’abandi bose bapfunzwe muri dosiye y’ibitaro Kira. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, atera akamo umukuru w’igihugu gushira mu bikorwa amajambo adasiba kuvuga, maze agasuzuma neza ubutungane avuga y’uko buriko burubahirizwa.
V. Abantu batatu harimwo n’umukuru w’ishirahamwe ry’abadandaza mu ntara ya Kayanza bari mu minwe y’inyamiramabi. Aho n’inyuma y’aho kuri uyu wa gatatu, hafatiwe ibidandazwa vy’agaciro karenga imiriyoni amajana abiri. Ivyo na vyo bikaba bigizwe n’isukari, ifumbire ya FOMI n’ibitoro vyari binyegeje mu mazu yabo, kandi vyategerezwa guhabwa abanyagihugu. Ivyo bidandazwa bikaba vyagiye ahabona inyuma y’aho igipolisi cari cazindutse gitunganya ibikorwa vyo gusaka bamwe mu badandaza bikekwa ko ico caha. Igikorwa cakiriwe neza n’abanyagihugu basaba ababijejwe guhana abo bantu hakurikijwe amategeko.
VI. Umwana w’imyaka 14 wo mu ntara ya Rumonge yarapfunguwe kuri uyu wa gatatu inyuma yo kumara imisi mu gasho k’igipolisi, yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’imyaka 3 n’igice. Umu OPJ yamurekuye yasiguye ko amategeko y’ubutungane adashobora gupfunga umwana atarakwiza imyaka 15 y’amavuka. Abo mu muryango w’umwana yafashwe ku nguvu ntibashima iyo ngingo yo kumurekura.