I. Harabaye ihonyangwa ry’itegeko mpanavyaha mw’ifungwa ry’umushingwamanza wa muganga Sahabo Christophe. Mu rwandiko basohoye kuri uyu wa gatanu, ababuranira muganga Sahabo imbere y’amasentare mpuzamakungu barerekana ingene kuva uyo mushingwamanza Sandra Ndayizeye, na mwenewabo na muganga Sahabo bafatwa no gushika bafungwa, amategeko atubahirijwe. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, ni umwe muri abo baburanira Muganga Sahabo mu ma sentare mpuzamakungu, abeshuza ivyasiguwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika kuri uyu wa kane ku co bazize, agasigura ko uko ari babiri bazize ko begereye Muganga Sahabo gusa.
II. Abo bashingwamanza barerekana kandi ingene n’ibindi vyashikirijwe n’umushikirizamanza mukuru wa Republika kuri uyu wa kane muri iyo dosiye nyene, ari ibinyoma. Me Gustave Niyonzima, umwe muri abo baburanira Muganga Sahabo mu ma sentare yo hanze.
III. Urwego rw’abashingwamanza bakukira sentare nkuru isubiramwo imanza ya Bujumbura rusaba k’umushingwamanza Sandra Ndayizeye yorekurwa atakirinze gusabwa. Mw’itangazo ryo kuri uwu wa gatanu, urwo rwego rumenyesha y’ukwo rwatangajwe cane n’ihagarikwa n’ipfungwa ry’umwe mu barugize. Me Salvator Minani, umunyamabanga w’urwo rwego yamenyesheje y’ukwo habaye ihonyangwa ry’amategeko mu bijanye n’ingene imanza vy’ivyaha zitohozwa zikanaburanishwa.
IV. Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR Arusha, ngo ifungwa rya muganga Christophe Sahabo yahora arongoye ibitaro Kira hamwe n’ihagarikwa ry’umushingwamanza wiwe Sandra Ndayizeye rishimikiye aha nini ku mvo za politike. Ku bwiwe, leta ishaka gufata mu minwe amafranga yinjira muri ivyo bitaro mu kuyiyitira, kuko ivyo bitaro bisanzwe vyinjiza amafranga atari make y’agaciro.
V. Urubanza rwaciwe na sentare y’umuryango wa EAC rwerekanye ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cari giteye kubiri n’amategeko; ngo nta kinini abarundi borwitegako kuko ikiringo caheranye n’umwaka wa 2020 kandi ko n’uwo cega atakiriho. Ukwo ni ko bisigurwa na leta y’Uburundi ibicishije ku muvugizi wayo. Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za leta catunganijwe kuri uno wa gatanu mu ntara ya Kayanza, Prosper Ntahorwamiye yavuze ko ata myiyerekano yabaye yo kwiyamiriza ico kiringo, ahubwo ko habaye imigumuko ihanwa n’amategeko y’Uburundi, ari na co gituma ata wokwitega ko abafunzwe bazira ico kiringo bagiye kurekurwa ku bw’iyo ngingo.
VI. Umuvugizi wa leta ngo yirengagije ko ico kiringo cataye igihugu mu kaga ari na co gituma leta yari ikwiye kwicisha bugufi. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize umwe mu bashingwamanze bitwariye Leta y’Uburundi ku vyerekeye ico kiringo, avuga ko hatitwariwe Petero Nkurunziza atakiriho, ngo muri iyo sentare hitwarirwa ama leta kuko ari yo yateye umukono ku masezerano yemeza iyo sentare.
VII. Amatungo y’abari mu nzego za leta nshasha bazoyamenyesha mu misi ya vuba ariko kandi bikorwa mw’ibanga. Vyashikirijwe kandi na Prosper Ntahogwamiye. Ariko mw’ishirahamwe OLUCOME irwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, iyo mvugo y’umuvugizi wa leta babona ko ari iya politike, kuko amategeko avuga ko kwerekana amatungo bikorwa ku mugarararo.
VIII. Haravugwa ingorane nyinshi zihanze abakozi bo mw’ishirahamwe ricungera abantu n’ibintu ASEC. Abakozi bo muri iryo shirahamwe bavuga ko bamaze hafi amezi umunani bahembwa nabi nabi, kuko bahembwa amatariki yagiye. Bemeza ko umukoresha wabo atabatangira amafranga mw’ishirahamwe INSS ritegekanya kazoza k’abakozi bamaze gukukururuka. Baranavuga kandi ko hibonekeza ivangura mu bakozi rikorwa n’uburongozi.