Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/10/2022

Publié le 1 octobre 2022 par Rédaction
I. Ibirindiro bine vy’abagwanyi bavuga ururimi rw’ikinyarwanda vyahora mw’ishamba rya Kibira mu ma komine ya Mabayi mu ntara ya Cibitoke, ni vyo bimaze gusamburwa mu ntambara abasirikare b’abarundi bamazemwo imisi muri iryo shamba. Umugwanyi umwe yarafashwe hamwe n’inkoho icumi zahora zikoreshwa n’abo bagwanyi. Amakuru atangwa n’abasirikare akavuga ko abatujijwe mu Kibira bavuga ko ari aba FDLR hamwe naba FLN. Izo ntambara zikaba zatanguye ku munsi wa kabiri w’iyi ndwi turiko turasozera.
II. Ingabo z’Uburundi ziri mu gihugu ca Congo ziramutswa umutware mushasha Général de Brigade Banyankimbona batazira Kirapanze. Yagiye gusubirira Colonel Ildephonse Baranyikwa yaramaze amezi abiri arongoye izo ngabo. Bikavugwa ko yatahukanywe mu Burundi akitswe n’amagara. Tubibutse ko mu ndwi iheze abasirikare b’Uburundi bari kumwe n’imbonerakure, barashwe n’imigwi y’abitwaje ibirwanisho; abarenga cumi bahasiga ubuzima, umunani barakomereka. Umwe mu ntwazangabo w’ipete rya Major yari muri ico gihugu akaba agira akwize indwi apfungiwe mw’ikambi ya bataillon police militaire. Amakuru atangwa n’abasirikare akamenyesha ko yagirizwa kuba atashitse aho yari yatumwe gukorera, bituma bagenziwe bahageze baca barwa mu mutego w’umwansi.
III. Umukuru w’igihugu ngo ntiyigeze avuga ko habaye gushaka kumuhirika ku butegetsi. Ivyo bisigurwa n’umuvugizi wiwe, Alain Diomède Nzeyimana. Yabivuze mu kiganiro co kuri uno wa gatanu c’abavugizi b’inzego za leta. Ku bwiwe ngo abantu bahaye insiguro itari yo ivyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye, igihe yavuga abantu bamwegereye yagereranije na Maconco bipfuza gufata igihugu.
IV. Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Gitega, amenyesha ko umuvugizi w’umukuru w’igihugu yashize ahabona ivyo abarundi bose bamye bikeka, kuko Evariste Ndayishimiye yashatse imvo yotuma yigiza inyuma abo barabana ribi mu butegetsi bwiwe, na cane cane Alain Guillaume Bunyoni.
V. Musitanteri wa komine Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura, yaraye ahagaritswe mu mabanga yiwe n’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu ryo kuri uyu wa gatanu. Ferdinand Simbananiye mu vyo yagirizwa nk’ukwo biri muri iryo tegeko, harimwo ukunyuruza ubutunzi bwa komine, no guhonyanga itegeko rigenga itangwa ry’amasoko ya leta.
VI. Abagize inama mpanuzwajambo ya komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba, baragiriza musitanteri gukoresha nabi ubutunzi bwa komine arongoye. Aho bagatanga akarorero ko yanse gushira mu ngiro ingingo yafashwe mu mwaka wa 2020 yo kugura ipikipiki yo kwunguruza umunyabigega wa komine, aca azana iyiwe kuyikotesha kugira ikore ico gikorwa.
VII. Irungikwa ry’imigwi y’abaja kuraba ukwo ibintu vyifashe mu Burundi ntirihumuriza impunzi zo mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya. Umugwi wa mbere waragiye uragaruka, ubu hakaba hariko hitegura uwa kabiri ugira uje mu Burundi. Ariko rero ku zindi mpunzi, ngo ivyo vyose nta yindi ntumbero bifise atari ukubasubiza mu Burundi ku nguvu. Umwe mu baba muri iyo kambi aravyigana.
VIII. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi kivuga ibijanye n’urubanza sentare y’umuryango EAC iheruka guca ku vyerekeye ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza.

Ibindi bisa n'ibi