Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/10/2022

Publié le 3 octobre 2022 par Rédaction
I. Ikibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara y’abakozi kigiye gutorerwa inyishu mu misi ya vuba, ku bakozi ba leta no ku bakozi b’amashirahamwe leta ifisemwo imitahe. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’abakozi ba leta n’akazi, Déogratias Rusengwamihigo, kuri uyu wa mbere, mu nama yo kwigira hamwe ikibazo c’itunganywa gushasha ry’imishahara y’abakozi ba leta. Iyo nama iriko ibera i Gitega, ikaba igenewe intara zo hagati no mu buseruko bw’Uburundi, izo na zo ni Mwaro, Gitega, Karuzi, Ruyigi na Cankuzo.
II. Ingurube 20 ziramaze gupfa kuva ku musi wa kane w’indwi iheze, zihitanywe n’indwara itaramenyekana. Mu ma komine ya Vyanda na Bururi mu ntara ya Bururi nyene, abategetsi bo muri iyo ntara bakaba baciye baba barahagaritse urudandaza rw’inyama y’ingurube, mu kurindira ingingo z’ubushikiranganji bubijejwe.
III. Abanyeshure bagera ku 18.720 bo mu buyobozi bw’indero n’inyigisho mu ntara ya Muyinga, ni bo bahevye ishure mu mwaka wa 2021 ushira uwa 2022, mu bisata vy’ishure shingiro n’inyuma y’ishure shingiro. Nk’ukwo amakuru ava mu bushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi abimenyesha, imvo zatumye abo bana baheba ishure, ngo zirimwo ubukene mu miryango, kutamenya kw’abavyeyi ku bijanye n’akamaro k’ishure, hamwe rero n’abanyeshure b’abigeme batwara inda z’indaro, abandi bakaja kwubaka hataragera.
IV. Kuva kuri uyu wa mbere, abana b’impunzi z’abarundi bari mu makambi ya Nduta na Nyarugusu muri Tanzaniya bahejeje igice ca mbere c’amashure shingiro batanguye umwaka mushasha w’ishure. Abavyeyi babo bavuga ko babikesha Leta ya Tanzaniya n’abo bafashanya, mu gihe igihugu c’Uburundi cari kimaze imyaka ibiri carahakanye kurungikira ibibazo urwo rwaruka rw’impunzi z’abarundi. Ariko rero abo bavyeyi baratakambira abagiraneza ko bobaronsa ibikoresho vy’abo bana kuko ata mikoro bafise.
V. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaguru, Uburundi bwatsinzwe urukino rwa mbere na Ouganda, mw’ihiganwa CECAFA ryo gukuranamwo mu nkino zitanga uburenganzira bwo kuzokina igikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 17 mu mwaka uza, mu gihugu ca Algérie. Mu gihugu hagati naho ihiganwa Primus league rigeze ku ndwi y’umunani. Muri basketball naho, ihiganwa ry’igikombe citiriwe Intwari rirabandanya.

Ibindi bisa n'ibi