I. Umusirikare umwe yarapfuye, uwundi umwe arakomereka, mu ntambara zimaze imisi mu Kibira, zihuza abasirikare b’Uburundi n’abarwanyi ba FDLR, umuhari w’iterabwoba wakoze ihonyabwoko mu gihugu c’Urwanda. Izo ntambara zikaba zigira zimare indwi zibiri muri iryo shamba aho abasirikare b’Uburundi bavuga ko batujije uwo mugwi bakanawukura ku birindiro birenga bitanu wari warashinze muri iryo shamba, mu gice cegereye urubibe rw’Urwanda mu ntara ya Cibitoke. Colonel Floribert Biyereke avugira igisirikare c’Uburundi akaba ataco arashikiriza kuri izo ntambara.
II. Umugabo azwi kw’izina rya Claude Irankunda wo ku musozi Kivuvu, komine Kabarore n’intara ya Kayanza, yafashwe n’igipolisi mu gatondo ko kuri uwu wa kane mu gihe yari mu cumba c’uburuhukiro kiri ku bitaro vyo mu Kayanza agire aje gufuba sekuru. Uburyo yafashwemwo harimwo n’ugukubitwa, bikaba vyababaje abo bagire bajane muri urwo rubanza rw’amaziko. Bakavuga ko n’ubwo yoba yari yagirizwa icaha atari kubuzwa kuja ku maziko y’uwiwe, ngo yongere aborezwe igufa.
III. Imyidogo ni yose ku banyagihugu baba ahitwa mu Gakashi ku mutumba wa Mukoni muri komine n’intara ya Muyinga. Abo banyagihugu bavuga ko bamaze indwi zibiri batagira umuyagankuba, bakavuga ko uruhombo ari runini cane. Basaba ishirahamwe Regideso gutorera umuti ico kibazo mu maguru masha, kuko iryo kena ry’umuyagankuba ririko ribatera ubukene budasanzwe.
IV. Ibiciro vyabaye umurengera mw’ikambi y’impunzi y’i Nakivale mu gihugu ca Ouganda. Muri aya mezi abiri aheze, ibiciro vy’ibifungurwa vyariyongereye gushika ku bice 30%. Impunzi zivuga ko kubaho bisigaye ari nk’amagendera. Basaba abagiraneza kubandanya bafasha izo mpunzi kuko n’agafashanyo bahora bahabwa na HCR kagabanutse ku rugero rw’ibice 40 kw’ijana (40%).